Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Noneho ngira ngaragarize ibiteye isoni vyiwe imbere y’abūzure biwe, kandi nta n’umwe azomurokora ngw amunkūre mu maboko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 2:10
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw abahungu ba Ataliya, wa mugore mubi, bāri bārahubaguye ingoro y’Imana, kand’ ibintu vyose vyāri vyāragizwe inyegu, vyāri mur’ iyo ngoro y’Uhoraho, babiha za Bayali.


None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Vy’ukuri, umunyakibi akazobura guhanwa! Arik’ uruvyaro rw’abagororotsi ruzorokorwa.


ni co kizotuma Umwami Imana atēza abakobga b’i Siyoni ibihūshi mu bitwariro, Uhoraho agatwikurura ibiteye isoni vyabo.


Kandi ni wibaza mu mutima, uti N’iki gitumye mbonye aya? Umurengera w’ibigabitanyo vyawe ni wo watumye impuzu zawe zigukūrwako, ibitsintsiri vyawe bigasigara ar’ inkobe.


Nuko rero nanje nzogukūrakw impuzu, mfate ku musozo ndenze ku mutwe wawe, ubgambure bgawe buboneke.


Kandi wābīra mu myambaro yawe, ukīshingira ibitabo ku mpinga z’imisozi, ukabishariza ivy’ amabara atar’ amwe, maz’ ukabisambaniramwo: nta bimeze nk’ivyo vyigeze kubaho, nta n’ ibizokwongera kuboneka.


Mbere n’ivyo kurya vyanje naguhaye, ivy’ ifu isētse neza n’amavuta ya elayo n’ubūki, ivyo nakugaburira, warabibiterekereje ngo bibibere umubabge umota neza; uko ni ko vyagenze, ni k’Umwami Uhoraho agize.


na bo bazoguhanana urwanko, bakunyage ivyo waruhiye vyose, bagusige amēnya wambaye ubusa; kand’ ubgambure bg’ubumaka bgawe buzogaragazwa, ubushakanyi bgawe n’ubumaka bgawe vyompi.


Abisirayeli bār’ umuzabibu utotahaye, wama inzabibu zawo; ukw ivyo bamye vyabaye vyinshi, ni ko bagiye bagwiza ibicaniro vyabo vy’ibigirwamana; kand’ ukw igihugu cabo cagiye imbere, ni ko bagiye bashariza inkingi z’ibigirwamana.


Efurayimu iy’ avuze hose, hāba guhinda agashitsi; yigize agahambaye mu Bisirayeli; arikw igihe yacumuye kubga Bayali, yaciye apfa.


kugira ngo sinze ndamusige amēnya, akamera nk’umusi yavutseko, nkamuhindura nk’ubugaragwa, nkamusiga ngaho ameze nk’ ubgeranyange, nkamwicisha inyota.


Nk’ukw ibitero vy’abambuzi biryamira umuntu, ni k’umurongo w’abaherezi wicira abantu mu nzira ija i Shekemu: bakora ivy’ ubugesera.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ