Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 14:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mut’ Abashuri si bo bazodukiza; muti Ntituzosimbira ku mafarasi; muti Kandi nta ho tuzokwongera kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, ngo Mur’ imana zacu; muti Kuko kuri wewe ari ho impfuvyi zigirirwa imbabazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 14:3
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico gihe Hanani kamenyi aza iyo Asa ari, umwami w’i Buyuda, aramubarira, ati Kuko wizigiye umwami w’i Siriya, ntiwizigire Uhoraho Imana yawe, ni co catumye ingabo z’umwami w’i Siriya zigukira.


Warabibonye, kuk’ urāba ukugira nabi n’inzigo, kugira ng’ ubishire mu kuboko kwawe; Umurushwa yegamira wewe wenyene; Ni wewe mutabazi w’impfuvyi.


Ntimukishimire abahambaye, Cank’ umwana w’umuntu n’ umwe, ata co yoshobora gukiza.


Uhoraho ni we azigama inyambukīra; Ashigikira impfuvyi n’umupfakazi; Arikw inzira y’abanyakibi arayigoreka.


Ifarasi nta kimazi igira co gukiza, Ntizorokoresha umuntu inkomezi zayo nyinshi.


Imana ir’ ahayo hēra Ni se w’impfuvyi, n’umucamanza ahagarikira abapfakazi.


Kuko muzomāramāzwa n’ibiti vy’imyeloni mwishimiye, kandi muzokwumizwa n’ibigabiro mwashimye;


Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;


Ivyo ni vyo bizotuma ukugabitanya kwa Yakobo kuzokwozwa, kumuveko; kand’ imbuto zose zizova mu gukūrwakw icaha ciwe n’izi: n’ukw azohindura amabuye yose y’igicaniro nk’ingwa y’amabuye ihondaguwe, kugira ngw inkingi zari zarashingiwe Ashera n’iz’ izuba ntizize zishingwe ukundi.


Yamara mwaravuze, mut’ Oya, ariko tuzoguruka ku mafarasi; kandi koko muzoba muhunga; kandi muti Tuzogendera ku y’impayamaguru; ni koko n’abazoba babirukana babakinagiza bazoba ar’ impayamaguru nyene.


bakava hasi ngo bamanuke muri Egiputa batabajije irivuye mu kanwa kanje; ngo bisunge inkomezi za Farawo, bironkere ubgugamo mu gitūtu ca Egiputa!


Bazobona ibara, abamanuka baja muri Egiputa gutabaza, bakishimira amafarasi, bakizigira imikogote ikwegwa n’ amafarasi kukw ari myinshi, bo n’abagendera ku mafarasi kukw ar’ abanyenkomezi nyinshi, ariko ntibashire umutima ku Wera w’Abisirayeli, kandi ntibarondere Uhoraho.


Yamara rero Abanyegiputa s’Imana, n’abantu buntu; n’amafarasi yabo s’impwemu, n’ ay’ umubiri gusa: maz’ Uhoraho ni yabāngura ukuboko kwiwe, ūtabaye azotsitara, kandi n’ūtabawe azotemba, bose bahindikirane hamwe.


Muti None rero, enda shinga na shebuja umwami w’i Ashuri, muti Na we Rabushake araguha amafarasi ibihumbi bibiri, namba nawe ubgawe woshobora kuronka abo uyūriza.


Siga abana bawe b’ impfuvyi, nzobazigama mbabesheho; abapfakazi bawe ni banyizigire.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Ntibazokwongera kwihumanisha ibigirwamana ukundi, cank’ ibizira vyabo, cank’ ibicumuro vyabo vyose; ariko nzobarokora mbakūre ahantu bibera bākoreye ivyaha, mbatunganye: uko ni ko bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo.


Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.


Noneho bagenda barushiriza gukora ivyaha, kandi bikoreye ibishushanyo mu mafeza yabo babivugutiye mu nkero, ni vyo bigirwamana bīgeneye mu bgenge bgabo, vyose ar’ ibikorwa vy’abahanga; bavuga ivyavyo, bati Ni babicumitire ibimazi! Abagabo bagasoma ayo mamasa y’ibigirwamana.


Efurayimu azovuga, ati Turacahūriye hehe n’ibigirwamana? Naramwishuye, kandi nzomushirak’ umutima. Mmeze nk’igiti c’akajwari gitotahaye: imbuto zawe ni jewe zandurukako.


Kuko nzokūra mu kanwa kiwe amazina ya za Bayali, kandi n’amazina yazo ntazokwongera kwibukwa ukundi.


Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo.


Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa.


Kuko bādūze, bakaja muri Ashuri, nk’ indogoba y’inyeshamba yīgunze ukwayo: Efurayimu yironkeshereje abūzure impēra.


Maz’ Uhoraho abarira urwo rufi, rudahwa Yona i musozi.


Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.


Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebge.


Ikibujijwe, ntaze yironderere amafarasi menshi, canke ngw agire abantu atuma muri Egiputa kugira ngo yironkere umukimba w’amafarasi; kuk’ Uhoraho yababariye, ati Ntimuze musubire kujana iyo nzira ukundi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ