Ishusho yo mu maso habo ni yo ibāgiriza; bērura icaha cabo nk’ab’ i Sodomu, ntibagihisha. Ubugingo bgabo buzobona ibara, kukw ari bo bīhamagariye ivyago.
Ingeso zawe n’ibikorwa vyawe ni vyo bikuzaniye ibimeze birtyo; ivyo ni vyo nyishu y’ububi bgawe; ni koko n’ivy’ umubabaro, kandi bikora no ku mutima wawe.
Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.
Yemwe Bisirayeli, murahiriwe! N’ihanga ki rihwanye namwe kuba ihanga ryarokowe n’Uhoraho, Ari we nkinzo ibakingira, ikabakiza, Ari we nkota ibubahiriza? Abansi banyu bazoza babakomere ibōbo, Namwe muzosiribanga ibitabo vyabo batavye ku mpinga z’imisozi.