Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 13:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nzobasimbirako mmeze nk’igikōko citwa idubu gisahuwe ivyana vyaco, nzotabagura urubambanda rwōrōshe imitima yabo: aho ni ho nzobatsontsomerera nk’intambge; ibikōko vy’inkazi bizobaromagira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 13:8
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ at’ Urazi so n’ingabo ziwe kw ar’ abahizi, kandi baramaze kuraka nk’idubu isahuriwe abana mu gahinga. Bitayeko, so n’umuntu amenyereye ivy’ intambara, ntiyopfa kurāra mu ngabo.


None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Ingurube yo mu kibira irawonona, Ibikōko vyo mw ishamba birawona.


Umuntu yopfuma ahūra n’ igikōko citwa idubu ciciwe ibibgana vyaco, Hakw ahūrira n’igipfu mu bupfu bgaco.


Ukwivuga kwabo kuzoba nk’ukw’ intambge, bazokwivuga nk’imigunza y’intambge: ni koko bazotontoma basahura isahu, bayīnyagira, ata wuriho wo gutabara.


Yemwe bikōko mwese vyo mw ishamba, ni muze mutabagure, namwe bikōko vyose vyo mu kibira.


Mbeg’ ishamvu yanje ntiyampindukiye nk’ igisīga c’amabara y’uruyoberane? Mbeg’ ibindi bisīga ntivyagikonganije impande zose? Ni mugende mukoranye ibikōko vyo mw ishamba vyose, mubizane bikākagure.


Yahevye ahiwe nk’ukw intambge iheba ikibundo cayo; kukw igihugu cabo gihindutse akajoreza kubg’ ubukare bg’inkota itwaza igitugu, no kubg’ uburake bgiwe bg’inkazi.


Kandi nzoririka imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora avuga, at’ Izi n’impēra zanje nahawe n’abūzure banje. Nukw ivyo ngira ndabihindure ishamba, vyōnwe n’ibikōko vyo mw ishamba.


Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambge, n’inzu ya Yuda nk’ umugunza w’intambge: jewe, jewe nyene nzotabagura, nīgīre; nzogenda nsēngēse, kandi nta wuzonyaka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ