Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 13:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ni co catumye mbamerera nk’intambge, kandi nkabategera ku nzira nk’ingwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 13:7
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi n’iyo novyutsa umutwe, woca umpīga nk’intambge; Maz’ ukongera kunyiyereka ur’ akūmiza.


Uhoraho azoja gutera nk’umuhizi, arwanane ishaka nk’intōre mu ntambara: azobīrahira, mber’ azobīvuga n’ijwi rirenga; abansi biwe azobagirira ibikomeye.


Yahevye ahiwe nk’ukw intambge iheba ikibundo cayo; kukw igihugu cabo gihindutse akajoreza kubg’ ubukare bg’inkota itwaza igitugu, no kubg’ uburake bgiwe bg’inkazi.


Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.


Ammereye nk’igikōko citwa idubu kibundiye kwica, nk’ intambge itegeye mu bibundo.


Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambge, n’inzu ya Yuda nk’ umugunza w’intambge: jewe, jewe nyene nzotabagura, nīgīre; nzogenda nsēngēse, kandi nta wuzonyaka.


Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.


Cank’ intambge yokwivugira mu kibira ata co yishe? Umugunza w’intambge wotontomera mw isenga ryawo ata co wafashe?


Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?


Ico gikōko nabonye casa n’ingwe, amajanja yaco yar’ ameze nk’ay’ idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’ intambge. Ca gisato kigiha ububasha bgaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ