3 Ni co gituma bazoba nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato, babe nk’ umuguruka utwawe n’agashururu, kandi nk’umwotsi ufumba uva mu ziko.
Bakaba nk’ibishingwe bitwarwa n’umuyaga, Nk’umuguruka utumurwa n’ igihuhuta?
Ibiteye ubgoba birampanze, Bakubeba icubahiro canje nk’ umuyaga; Amahirwe yanje akamanganye nk’igicu.
Ababi ntibamera bartyo: Ariko baba nk’umuguruka utwarwa n’umuyaga.
Nk’uk’ umwotsi utumuka, abe ari k’ubatumura: Nk’ukw ishashara iyagira i ruhande y’umuriro Abe ari kw abanyakibi barandukira imbere y’Imana.
Amoko azosūma nk’ugusūma kw’amazi menshi: arikw Imana izoyakankamira, na yo azohungira kure, nk’ ibishingwe vyo ku misozi iyo bijanwa n’umuyaga, nk’ifurufumbi y’ umukungugu ir’ imbere y’igihuhuta.
Nukw icuma n’ibumba n’umuringa n’ifeza n’izahabu bica bimenagurikira rimwe, bicika nk’umuguruka wo ku mbuga basekurirako mu ci; umuyaga urabitumura, maz’ aho vyahora ntihaba hakiboneka: maz’ iryo buye ryikubise kur’ ico gishushanyo ricika umusozi munini, ryuzura isi yose.
Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’ urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’ urume ruta mu kanya gato.
mutaratūmūrirwa kure nk’umuguruka, kand’ uburake bg’Uhoraho bg’inkazi butarabashikako, mbere wa musi w’ uburake bg’Uhoraho utarabashikīra.
Kuko nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu.