Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 13:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Noneho bagenda barushiriza gukora ivyaha, kandi bikoreye ibishushanyo mu mafeza yabo babivugutiye mu nkero, ni vyo bigirwamana bīgeneye mu bgenge bgabo, vyose ar’ ibikorwa vy’abahanga; bavuga ivyavyo, bati Ni babicumitire ibimazi! Abagabo bagasoma ayo mamasa y’ibigirwamana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 13:2
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamara rero, ngiye kwisigariza abantu ibihumbi ndwi mu Bisirayeli, batigeze bapfukamira Bayali canke ngo bamusome.


barababarira, bat’ Abo bantu b’inyagano ntimubazane ngaha; kukw ico mugomba gukora kizoducumuza k’ Uhoraho, congereze ivyaha vyacu n’ibicumuro vyacu; kuko na none twācumuye bikomeye, kandi twebge Abisirayeli dufitiwe uburake bg’inkazi.


Ntiyicisha bugufi imbere y’ Uhoraho, nk’uko se Manase yicishije bugufi, ariko Amoni uwo agenda arushiriza gucumura.


Mugumbire urya Mwana, kugira ngo ntarake, namwe mugahonera mu nzira, Kuk’ uburake bgiwe bgoca buziriringa: Hahirwa abamuhungirako bose.


Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.


Abana b’ibigāba bazobona ibara, ni k’Uhoraho agize, bagīsha inama abandi atari jewe, bakifatanya n’abandi atari Mpwemu wanje, kugira ngo bagereke icaha ku kindi;


Ereg’ abo bafatanije bose bazomāramāra; kand’ abo bahinga n’abantu buntu: bose ni bakoranire hamwe, baze ahabona; bazogira ubgoba, bamāramārire hamwe.


Ni mukorane, ni muze, mwīgirire hafi hamwe, mwebge abarokotse bo mu mahanga: abīkorera igiti c’ikigirwamana cabo c’ikibāzano, bagasenga imana idashobora gukiza, nta bgenge bagira.


Basukanura izahabu mu mupfuko, bagera ifeza ku munzane, bagaha umucuzi w’izahabu ingero, akabicuramw’ imana; bakayīkubita imbere bakayisenga.


Ni mwibuke ivyo, muvyiyumvire: mwongere muvyibuke, mwa bagarariji.


Bagisakara ifeza n’izahabu; bakagikomeresha imisumari n’inyundo, ngo coye kunyiganyiga.


Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.


None rero n’iki cashubije inyuma aba bantu b’i Yerusalemu, bagasubira inyuma akagīrīre? Bakobereza ubugunge, bakanka kugaruka.


Abisirayeli bār’ umuzabibu utotahaye, wama inzabibu zawo; ukw ivyo bamye vyabaye vyinshi, ni ko bagiye bagwiza ibicaniro vyabo vy’ibigirwamana; kand’ ukw igihugu cabo cagiye imbere, ni ko bagiye bashariza inkingi z’ibigirwamana.


Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.


Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe.


Inkota izogwa ku bisagara vyabo, izohimbagura imyugariro yabo, iyiherengeteze, bazize imigabo yabo.


Mut’ Abashuri si bo bazodukiza; muti Ntituzosimbira ku mafarasi; muti Kandi nta ho tuzokwongera kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, ngo Mur’ imana zacu; muti Kuko kuri wewe ari ho impfuvyi zigirirwa imbabazi.


Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.


Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana: n’umureke!


Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.


Nzinutswe imasa yawe y’ikigirwamana, ewe Samariya! Uburake bganje burabaziriringiye: bazogeza ryari kwanka kwihumanura?


Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa.


None namwe musubiye mu gishingo ca ba so, mur’ uruvyaro rw’inkozi z’ibibi, kugira ngo mwongereze uburake bg’Uhoraho arakiye Abisirayeli.


Arikw Imana yamwishuye ngw iki? Iti Nishigarije abantu ibihumbi ndwi batāpfukamiye Bayali.


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


Arikw abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.


Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ