Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 13:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Efurayimu iy’ avuze hose, hāba guhinda agashitsi; yigize agahambaye mu Bisirayeli; arikw igihe yacumuye kubga Bayali, yaciye apfa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 13:1
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

arikw igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ ukiryeko: kuk’ umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza.


Maze Yerobowamu yubaka i Shekemu mu mugamba w’Abefurayimu, abayo; hanyuma avayo, yubaka i Penuweli.


Abantu bāhora bantega amatwi, bakitega ico mvuga, Bagacereza, ngo bumve inama yanje.


Iyo mmaze kuvuga, nta wagira ico asubiza; Amajambo yanje yabatonyangako.


Uwishira hejuru mu mutima, agatikizo azogasanga imbere, Kand’ ukwicisha bugufi kuzosanga imbere icubahiro.


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


Kukw iremezo ry’i Siriya ari Damasiko, kand’ iremezo ry’i Damasiko ari Rezini; kand’ imyaka mirongwitandatu n’itanu itarashira Abefurayimu bazovungwavungwa, ntibabe bakiba ihanga;


Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe.


Noneho ngira ngaragarize ibiteye isoni vyiwe imbere y’abūzure biwe, kandi nta n’umwe azomurokora ngw amunkūre mu maboko.


Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.


Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.


Maze hahaguruka ab’ ibendera y’igugu rya Efurayimu, nk’ukw imice yabo iri: umukuru w’izo ngabo yari Elishama mwene Amihudi.


Ayo ni yo mazina y’abantu Mose yatumye gutata ico gihugu; kandi yita Hoseya mwene Nuni, Yosuwa.


Mu muryango wa Efurayimu hatumwa Hoseya mwene Nuni.


Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


None rero ko bimeze birtyo, nk’ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha:


Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugōbēra, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye.


Maz’ Uhoraho abarira Yosuwa, at’ Uyu musi ngira ntangure kugukuza imbere y’Abisirayeli bose, kugira ngo bamenye yuko ndi kumwe nawe nk’uko nāmana na Mose.


Maz’ Abefurayimu barakorakorana, baja i burārūko, babaza Yefuta, bati N’iki catumye uja kurwana n’Abamoni, ntudutabaze? Tuzoguturirira mu nzu!


Maz’ Abefurayimu babaza Gideyoni, bati Watubonyekw iki, cātumye utadutabaza ukija kurwana n’Abamidiyani? Baramutonganya cane.


Samweli aramubgira, ati Naho wari warīkēngereye, mbega ntiwagizwe uwo kuganza imiryango y’ Abisirayeli? Uhoraho ntiyakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ