9 Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.
Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.
Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.
Arikw iminzane y’ukuri, n’ibilo vy’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ ingero yitwa hini y’ukuri, bize bibe ari vyo mukoresha: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa.
abazihanjuye ni bo bazicumita, bakibgira ko badacumuye, n’abazishōye bakavuga, bat’ Uhoraho ashimwe, kuko mbaye umutunzi; kand’ abungere bazo na bo nta kagongwe zibatera.