Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 12:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 12:9
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abo bahungu barakura; Esau aba umuhigi w’umuhinga, w’ umunyeshamba; Yakobo we yaratekereza, yībēra mu mahema.


abarira ūvugishwa n’Imana Natani, at’ Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo isandugu y’Imana iba mw ihema gusa.


Bagira imisi mikuru y’insago, nk’uko vyanditswe, batanga ibimazi vyo kwoswa vyo ku musi n’ umusi, nk’ukw igitigiri cavyo kiri, uko vyari vyarashinzwe ngo babikurikiranye uko bukeye;


Nta n’umwe ashobora gucungura mugenzi we na gatoya, Canke guha Imana incungu yiwe:


Ni jewe Uhoraho, Imana yanyu, Nabakūye mu gihugu ca Egiputa: Asama cane, nanje nduzuza akanwa kanyu.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Har’ urunganwe rw’abantu bibgira ko batunganye, Ariko ntibuhagiwe imyanda yabo.


canke ngo muze mwigere mwubaka inzu, canke ngo murime, canke ngo mutere uruzabibu canke ngo hagire ūzorwitirirwa; at’ Arikw imisi muzomara yose muze mube mu mahema, kugira ngo mubone kuramba mu gihugu mubamwo.


Nk’ukw igisamba cokwuzuzwa izo nyoni, ni kw amazu yabo yuzuyemw’ ibigungano: ni co catumye bacika abahambaye, bakaba abatunzi.


Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.


Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.


Arikw iminzane y’ukuri, n’ibilo vy’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ ingero yitwa hini y’ukuri, bize bibe ari vyo mukoresha: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa.


Ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa, kugira ngo ntimube abagurano babo; navunnye ibiti vy’ingōgo vyababoshe, mbaha kugenda mwemye.


Ko nabadūganye nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, nkabacungura nkabakūra mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu kugira ngo babarōngōre.


abazihanjuye ni bo bazicumita, bakibgira ko badacumuye, n’abazishōye bakavuga, bat’ Uhoraho ashimwe, kuko mbaye umutunzi; kand’ abungere bazo na bo nta kagongwe zibatera.


Nd’ Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa ngo mbe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Imisi mikuru y’Abayuda yitwa iy’ Insago yarikw irashika.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ