Uwo mugabo abonye yukw atamushoboye, akora ku mutsi wo ku nyonga y’itako ryiwe, umutsi wo ku nyonga y’itako rya Yakobo urahinyagara bakiriko baranigana.
Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.
Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,