Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 12:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 mbere yahotoranye n’umumarayika, aramunesha; ararira, aramwinginga; i Beteli ni ho yayīboneye, kand’ aho ni ho yavuganiye na we,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 12:4
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hakurikira Butoyi, afashe igitsintsiri ca Esau; bamwita Yakobo; kandi Isaka yar’amaze imyaka mirongwitandatu, igihe bāvuka.


Maze Yakobo asigarayo wenyene. Haza umugabo, baranigana, bashitsa mu mutwenzi.


Uwo mugabo abonye yukw atamushoboye, akora ku mutsi wo ku nyonga y’itako ryiwe, umutsi wo ku nyonga y’itako rya Yakobo urahinyagara bakiriko baranigana.


Uwo mugabo aramubarira, ati Ndekura, kuk’ umutwenzi utambitse. Aramwishura, ati Sinkurekura, utampezagiye.


Yakobo aramubgira, ati Ndakwinginze, nyibarira. Aramubaza, at’ Umbariza iki izina ryanje? Amuhezagirira aho hantu.


Aho hantu Imana ivuganiye na we, Yakobo ahita Beteli.


Ahezagira Yosefu, at’ Imana, iyo sogokuru Aburahamu na data Isaka bagendera imbere, Imana yandagiye mu kubaho kwanje kwose igashitsa n’ubu,


Yahinduye ikiyaga ahūmūtse, Kandi baciye mu ruzi n’ ibirenge: Aho ni ho twayinezererewe.


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirēre. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami.


Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ