Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 12:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Yafashe igitsintsiri ca mukuru we bakiva mu nda ya nyina; kand’ amaze gukura yahotoranye n’Imana:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 12:3
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hakurikira Butoyi, afashe igitsintsiri ca Esau; bamwita Yakobo; kandi Isaka yar’amaze imyaka mirongwitandatu, igihe bāvuka.


Ni co catumye Uhoraho arakira cane Abisirayeli, akabirukana ngo bave imbere yiwe, ntihasigara n’umwe atar’ umuryango w’Abayuda gusa.


Nuk’ Uhoraho aheba uruvyaro rwose rwa Isirayeli, abatēza ivyago, abagabura mu maboko y’ababanyaga, kugeza aho yabakomboye bakava imbere yiwe.


gushitsa ah’ Uhoraho yabakūriye imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugiye mu basavyi biwe bose yavugisha. Uko ni kw Abisirayeli bāmbukanywe, bakūrwa mu gihugu cabo bajanwa muri Ashuri, gushitsa na bugingo n’ubu.


Ni co gitumye nzokomeza kubūrana namwe, kandi nzobūrana n’abuzukuru banyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Noneh’ umuhero ugushitseko, ngira nguteze uburake bganje, ngucire urubanza ruhwanye n’ ingeso zawe; kand’ ibizira vyawe vyose nzobigusubiza ku mutwe.


Non’ ubu mpava nkurekurirak’ ubushangashirwe bganje, ngushitsek’ uburake bganje, ngucire urubanza ruhwanye n’ingeso zawe: kand’ ibizira vyawe vyose nzobigusubiza ku mutwe.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.


Nuko nk’uko bimeze ku banyagihugu, ni ko bizomera ku baherezi: nzobahana kubg’ ingeso zabo, mbasubirize mu nkōko ivy’ ibikorwa vyabo.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abayuda, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bātītūye ivyagezwe vyanje, jewe Uhoraho, ntibitondere amabgirizwa yanje, kand’ ibigirwamana vyabo vy’ibinyoma vyarabajimije, ari vyo ba sekuruza babo nyene bākurikira.


Yemwe misozi, namwe matanguriro y’isi yahamye, ni mwumve ukubūrana kw’Uhoraho; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’abantu biwe, kand’ agira abūrane n’Abisirayeli.


kand’ abana bataravuka, batarakora iciza cank’ ikibi, ngw ivy’ Imana yagabiye itoranya bibeho, bitavuye ku vy’abantu bakora, ariko vyavuye kw Ībahamagara,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ