9 Sinzogenza nk’uk’ uburake bganje bg’inkazi buri, sinzohindukiranwa no kugeseza Efurayimu: kuko jewe nd’Imana, ntar’ umuntu; nd’ Uwera ari hagati muri wewe: sinzoza ndi n’uburake.
Ariko Amasa ntiyagira ico yibaza ku nkota Yowabu yar’ afise mu ntoke; nuko Yowabu ayimuzibura ku nda, amara yiwe asēseka hasi, ntiyarinda kugereka ubga kabiri; nukw arapfa. Maze Yowabu na Abishayi murumuna we bakomeza guhīga Sheba mwene Bikuri.
Imana iri hagati muri wo, ntuzonyiganyizwa; Imana izowutabara mu mutwenzi w’amacāca.
Ariko yo, kuko yuzuye imbabazi, iharira ukugabitanya kwabo, ntibahonnye, Mbere kenshi iroresha irya uburake bgayo, Ntikangure uburake bgayo bgose:
Twigarurire, Mana y’agakiza kacu, Kand’ ushire umwikomo wawe utugirira.
Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.
Bazobona ibara, abamanuka baja muri Egiputa gutabaza, bakishimira amafarasi, bakizigira imikogote ikwegwa n’ amafarasi kukw ari myinshi, bo n’abagendera ku mafarasi kukw ar’ abanyenkomezi nyinshi, ariko ntibashire umutima ku Wera w’Abisirayeli, kandi ntibarondere Uhoraho.
Ntutinye, musiba we Yakobo, namwe nkehwa z’ Abisirayeli; nzogutabara, ni k’ Uhoraho agize; kand’ Uwera w’ Abisirayeli ni we mucunguzi wawe.
Uzobigosora umuyaga ubitumure, agashururu kabishwiragize: nawe uzohimbarwa n’Uhoraho, wirate Uwera w’ Abisirayeli.
Kubg’ izina ryanje reka ntenyenye kukurakira; kubg’ ishimwe ryanje reka nkwihanganire, noye kukurandura.
Nuko rero, nk’ukw ibirimi vy’umuriro bitongora ibirararara, kandi nk’uk’ ubgatsi bgumye bunyikira mu muriro, ni kw igishitsi cabo kizoba nk’ikibore, n’amashurwe yabo azotumuka nk’umukungugu: kuko bāgaye ivyagezwe vy’Uhoraho Nyen’ ingabo, bagakēngēra ijambo ry’Uwera w’Abisirayeli.
Kumbure bohava bumva, umuntu wese agahindukira akareka inzira yiwe mbi, ngo nanje mbone kwigarura, ndeke ibibi mmaramaje kubakorera kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyabo.
Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.
Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.
Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko.
Kuko jewe Uhoraho ata ho mpinduka; ni co gituma, mwebge bana ba Yakobo, mutāmazwe rwose.
Ereg’ Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! Ivyo yavuze, mbega ntizobikora? Ivyo yashinze ntizobishitsa?
Muhīrahīre ntihaze hagire ikintu na kimwe mur’ ivyo bijiririjwe muzokozak’ ukuboko, kugira ng’ Uhoraho abone kwigarura, areke uburake bgiwe bg’inkazi, abagirire imbabazi n’ikigongwe, abagwize nk’uko yarahiye ba sogokuruza banyu kw azobikora,
Maze Abishayi abarira Dawidi, at’ Uyu musi Imana igabuye umwansi wawe mu maboko yawe; none rero reka ndamuzibure icumu rimwe gusa, rishinge hasi, sinsubīra ubga kabiri.