Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 11:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 11:8
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami w’i Sodomu arashikuka, bo n’uw’i Gomora n’uw’i Adima n’uw’i Seboyimu n’uw’i Bela (ari ho Sowari); batondera urugamba mu kiyaya c’i Sidimu;


Maz’ umumarayika akibangurira ukuboko i Yerusalemu ngw ahageseze, Uhoraho arīgarura abuza ivyo vyago, abarira uwo mumarayika yageseza abantu, ati Birahaye: garukana ukuboko kwawe. Kand’ uwo mumarayika w’Uhoraho yar’ ahagaze i ruhande y’imbuga ya Arawuna Umuyebusi.


Nuko wa mugore nyina w’umwana akomeye, kuko mu mutima yar’ afise ikibabarwe c’umwana wiwe, abarira umwami, at’ Ewe mugenzi! Uyo mwana akomeye pfuma umumuha, ntumwice na gatoya. Ariko wa wundi ati Ni mumucemwo kubiri, tumubure twempi.


Arik’ Uhoraho bamutera akagongwe, abagirira imbabazi, abasubizak’ umutima kubg’ isezerano yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo, ntiyabarandura; no kugeza n’ubu ntiyabaciye.


Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, akabatumakw intumwa ziwe, akāma azindurwa uko bukeye no kubatuma, kuko yatewe akagongwe n’abantu biwe bo n’ aho hantu yaba.


Akabibukira isezerano yabasezeraniye, Akagarukana umutima, nk’ ukw isinzi ry’imbabazi ziwe riri.


Umutima wanje ucurira intimba Mowabu nk’inanga, no mu nda yanje har’ intimba y’i Kiri‐heresi.


Tereza inyonga hasi uri mw ijuru, witegereze ur’ i wawe, ah’ ukwera kwawe n’icubahiro cawe biri: rya shaka ryawe n’ibikorwa vyawe vy’ubushobozi biri hehe? Igishika n’imbabazi umfitiye ko bibujijwe kunshikīra!


maz’ iryo hanga navuzeko ryohindukira rikareka ibibi vyaryo, nanje nzokwigarura ndeke ibibi nari namaramaje kuzobakorera.


Genda uvuge aya majambo werekeye i burārūko, uti Garuka, yewe Isirayeli Inamusubiranyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze. Sinzokurābana ishavu, kuko nd’ umunyembabazi, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi sinzokwamana uburake imisi yose.


Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ati Ni mwakomeza kuguma mur’ iki gihugu, azobubaka, ntazobasambura; azobatēragira, ntazobarandura: ngo Kuko yigaruye mu vyago yabateje.


Ereg’ ah’ uba ni hagati mu binyoma; ibinyoma ni vyo bibankisha kummenya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ehe nzobavugutira, mbagerageze; ikindi nogirira wa mukobga ari bo bantu banje n’iki?


Uhoraho we, ni witegereze, kuko ndi mu magorwa; amara yanje aradobangana; Umutima wanje urandida mu nda; kuko nagararije birengereje: Hanze inkota iraririka, no mu nzu na ho har’ urupfu.


Naho yomubabaza, arikw azomugirira ikigongwe, nk’ ukw isinzi ry’imbabazi ziwe riri.


Kukw atababaza abantu abigomba, canke kubatera intuntu.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Kand’ abazoba baracitse bo muri mwebge bazonyibuka bari mu mahanga, aho bazoba barajanywe ar’ inyagano, bamenye ingene nashābijwe n’imitima yabo yabaye ibimaka ikamvako, kandi ko nashābijwe n’amaso yabo y’ubumaka bagenda banyuririza ku bigirwamana vyabo: baheze biyanke urunuka kubg’ ibibi bakoze n’ ibizira vyabo vyose.


Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’ urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’ urume ruta mu kanya gato.


Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.


Nasanganguye ibisagara bimwe vyanyu nko mu gihe jewe Imana nahenebereza Sodomu na Gomora, muba nk’ igishirīra cokowe mu muriro: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati Ntibikibayeho; ni k’Uhoraho yavuze.


Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati N’ivyo nyene ntibikibayeho; ni k’Umwami Uhoraho yavuze.


Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli.


Nuko rero, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, Imana y’Abisirayeli, n’ukuri Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’ igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira: amasigarira y’abantu banje azobatera abasahure, mber’ abarokotse bo mw ihanga ryanje bazobatwara.


Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!


Kand’ urunganwe ruzoza hanyuma, ari bo bana banyu bazokura babakurikiye, bo n’ umunyamahanga azova mu gihugu ca kure, ni babona ivyago vyabaye mur’ ico gihugu n’indwara Uhoraho yagiteje,


bakabona yukw ico gihugu cose cabaye amazuku n’umunyu, cahiye uburimbi, ko kitakirimwa, canke ngo kimere, canke ngo kibemwo n’akātsi, ko gisigaye kimeze nk’ukw i Sodomu hākomvomvowe, bo n’i Gomora n’i Adima n’i Seboyimu, ibisagara Uhoraho yakomvomvoje uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe;


Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Azokwirīmbūra ku vyo agirira abashumba biwe, Ni yabona yuk’ ubushobozi bgabo buheze, Ata wugisigaye, n’iyo yoba imbohe cank’ uwidegemvya.


kand’ ibisagara vy’i Sodomu n’i Gomora, ko yabiciriyekw iteka ryo gukomvomvorwa ikabigira umunyota, ikabishiraho kuba akabarore k’abazogenda batubaha Imana,


Kandi n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora bo n’ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakīha ubusambanyi nka ba bandi, n’ukwendana, ukw imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akabarore, bibabazwa n’igihano c’umuriro utazima.


Imivyimba yabo izogangarara mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo yabambge.


kandi bakirāba umwotsi wo kuyigizwa kwaco barataka, bati N’ikihe cari gihwanye na kiriya gisagara gihambaye?


Baraheza bakūraho izo mana z’inyamahanga, basubira gusaba Uhoraho, na we aca agira ikigumbagumba mu mutima kubgo kubona imibabaro y’Abisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ