Hoseya 11:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)8 Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kand’ abazoba baracitse bo muri mwebge bazonyibuka bari mu mahanga, aho bazoba barajanywe ar’ inyagano, bamenye ingene nashābijwe n’imitima yabo yabaye ibimaka ikamvako, kandi ko nashābijwe n’amaso yabo y’ubumaka bagenda banyuririza ku bigirwamana vyabo: baheze biyanke urunuka kubg’ ibibi bakoze n’ ibizira vyabo vyose.
Nuko rero, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, Imana y’Abisirayeli, n’ukuri Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’ igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira: amasigarira y’abantu banje azobatera abasahure, mber’ abarokotse bo mw ihanga ryanje bazobatwara.