Barahindukira, ariko si kuri jewe Ūsumba vyose; bameze nk’ umuheto utaye uruvuto. Abaganwa babo bazohindikiranywa n’inkota, bazize ukurandamuka kw’ururimi rwabo: ico ni co kizotuma baba agatwengo mu gihugu ca Egiputa.
Nasanganguye ibisagara bimwe vyanyu nko mu gihe jewe Imana nahenebereza Sodomu na Gomora, muba nk’ igishirīra cokowe mu muriro: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.