Aradūga aja ku gicaniro yari yarubakishije i Beteli, hāri ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwezi kw’umunani, ari kwo kwezi yitoranirije ubgiwe, agashinga uwo musi mukuru w’ Abisirayeli; nukw aradūga aja ku gicaniro, kugira ngw ahosereze imibavu.
Nuko rero n’umpamagarize Abisirayeli bose, bakoranire ku musozi Karumeli, bo na ba kamenyi ba Bayali ukw ar’ amajana ane na mirongwitanu, na ba kamenyi ba Ashera barīra ku meza ya Yezebeli, ukw ar’ amajana ane.
Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.
Ibigabitanyo vyanyu ubganyu, ni k’ Uhoraho agize, nzobibasubirizakw icarimwe n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza banyu, bosereza imibavu ku misozi, bakantukira ku turambi: ni co gituma nzobasubiriza mu nkōko ibikwiranye n’ ibikorwa vyabo.
Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,
rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Genda ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, uti Mbega ntimworuha mwemera indero yanje ngo mwumvire amajambo yanje? ni jewe Uhoraho mbibajije.
Bacumitira ibimazi ku mpinga z’imisozi, bakosereza imibavu ku turambi, musi y’ibiti vy’imyeloni n’ivy’ imilebeni n’ivy’ imyela, kuko bigira ibitūtu vyiza; ni co gituma abakobga banyu bīgira ba maraya, n’abakazana banyu bagasambana.
Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize.
Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’ i Sidoni n’iz’ i Mowabu n’iz’ Abamoni n’iz’ Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba.