Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 11:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 11:2
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aradūga aja ku gicaniro yari yarubakishije i Beteli, hāri ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwezi kw’umunani, ari kwo kwezi yitoranirije ubgiwe, agashinga uwo musi mukuru w’ Abisirayeli; nukw aradūga aja ku gicaniro, kugira ngw ahosereze imibavu.


Nuko rero n’umpamagarize Abisirayeli bose, bakoranire ku musozi Karumeli, bo na ba kamenyi ba Bayali ukw ar’ amajana ane na mirongwitanu, na ba kamenyi ba Ashera barīra ku meza ya Yezebeli, ukw ar’ amajana ane.


Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


Ibigabitanyo vyanyu ubganyu, ni k’ Uhoraho agize, nzobibasubirizakw icarimwe n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza banyu, bosereza imibavu ku misozi, bakantukira ku turambi: ni co gituma nzobasubiriza mu nkōko ibikwiranye n’ ibikorwa vyabo.


Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Genda ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, uti Mbega ntimworuha mwemera indero yanje ngo mwumvire amajambo yanje? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Ariko na ho nyene ntibāvyumva, canke ngo batege ugutwi kwabo, ngo bahindukire bareke ibibi vyabo, ntibosereze imibavu izindi mana.


Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


Bacumitira ibimazi ku mpinga z’imisozi, bakosereza imibavu ku turambi, musi y’ibiti vy’imyeloni n’ivy’ imilebeni n’ivy’ imyela, kuko bigira ibitūtu vyiza; ni co gituma abakobga banyu bīgira ba maraya, n’abakazana banyu bagasambana.


Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana: n’umureke!


Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize.


Ariko banka kwumva, bantera ibitugu, bīziba amatwi ngo boye kwumva.


Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.


Uku ni kwo gutsindwa, kuk’ umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi.


Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.


Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’ i Sidoni n’iz’ i Mowabu n’iz’ Abamoni n’iz’ Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba.


Uko ni ko bātaye Uhoraho, bagasaba Bayali na Ashitaroti.


Maz’ Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bibagira Uhoraho Imana yabo, basaba za Bayali na za Ashera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ