Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 11:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 11:1
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bāmbabaje kenshi, uhereye mu buto bganje, Abe ari kw Abisirayeli bavuga none:


uti Mwarabonye ivyo yakoreye Abanyegiputa, n’ingene mweho yabateruye ku mababa nk’ay’ inkukuma akabazana iy’ ari.


Kand’ uz’ ubarire Farawo, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Isirayeli n’umwana wiwe w’imfura:


kandi yarakubariye, ngo Rekura umwana wiwe agende, aje kumusaba; ariko wanse kumurekura; uti Nuko rero na we azokwica umwana wawe w’imfura.


Kuko wabaye uw’ igiciro kinini mu nyonga zanje, n’umwubahwa, nanje nkagukunda, ni co gitumye nzoheba abantu kubgawe, n’amahanga kubg’ ubugingo bgawe.


Nahevye inzu yanje, nataye ishamvu yanje; narekuriye inkundwakazi y’umutima wanje mu maboko y’abansi.


riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto.


Mbega mur’ ivyo bizira vyawe vyose n’ubumaka bgawe, ntiwarushe wibuka imisi yo mu buyoya bgawe, igihe wari gusa ur’amēnya, ukumbagara mu bisanza vy’amaraso?


Maze nguserutseko, mbona ingen’ ukumbagara mu bisanza vy’amaraso, ndakubarira, nti Nah’ uri mu maraso yawe, ndaguteretse, baho! Mbere narakubariye, nti Nah’ uri mu maraso yawe, ndaguteretse, baho!


Ivyo ni vyo Beteli hazobahamagarira kubg’ ibigabitanyo vyanyu bikomeye: mu mutwenzi umwami w’Abisirayeli azoba amaze gufyerengetezwa rwose.


Uhoraho yadūganye Abisirayeli abakūra muri Egiputa, abakūjey’ uwavugishwa na we, kand’ uwavugishwa na we ni we yabazigama.


Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.


Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.


Narabakunze, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Wadukunze mu biki? Mbega Esau ntiyari mukuru wa Yakobo? ni k’Uhoraho abaza; ariko rero nakunze Yakobo,


agumayo gushitsa Herode amaze gutanga, ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu wavugishwa na we bishike, ngo Nahamagaye umwana wanje ngw ave muri Egiputa.


N’ivy’ ukuri arakunda amahanga, Abera biwe bose bari mu kuboko kwiwe, Bicaye hambavu y’ibirenge vyiwe, Umuntu wese yumva amajambo yiwe.


Icatumye Uhoraho abakunda, akabatoranya, s’uko mwarusha ayandi mahanga yose ubginshi; mbere mwar’ ubusa hanyuma y’ayandi yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ