Hoseya 10:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)8 Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Avuga n’ ijwi rirenga, avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro, at’ Ewe wa gicaniro, ewe wa gicaniro! Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mu nzu ya Dawidi hazovuka umwana yitwa Yosiya; ngo Kand’ abaherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi bahora bosereza imibavu kuri wewe, ng’ Uyo azobatanga bga bimazi kuri wewe nyene, ngo Kandi kuri wewe ni ho bazoturirira amagufa y’ abantu.
Nukw ivyo vyose bishize, Abisirayeli bose bāri bakoraniye aho, baca baja mu bisagara vy’i Buyuda, bamenagura amabuye bāshinze, batemagura inkingi bāshingiye Ashera, basibanganya ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, basangangura n’ibicaniro vy’i Buyuda n’i Bubenyamini, bo n’i Bgefurayimu no mu bg’Abamanase, gushitsa aho babiherengetereje vyose. Abisirayeli bose barahindukira, basubira mu bisagara vyabo, umuntu wese mw ishamvu yiwe.