Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 10:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 10:8
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bumva ijwi ry’Uhoraho Imana agendagenda mur’ iryo tongo mu gihe c’akayaga ko ku kagoroba: uwo muntu n’umugore wiwe binyegeza mu biti vyo mur’ iryo tongo, ng’Uhoraho Imana ntababone.


Avuga n’ ijwi rirenga, avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro, at’ Ewe wa gicaniro, ewe wa gicaniro! Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mu nzu ya Dawidi hazovuka umwana yitwa Yosiya; ngo Kand’ abaherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi bahora bosereza imibavu kuri wewe, ng’ Uyo azobatanga bga bimazi kuri wewe nyene, ngo Kandi kuri wewe ni ho bazoturirira amagufa y’ abantu.


Nukw ico kibera inzu ya Yerobowamu akaziri, kiraruha kiyikwegera gucibga no guheneberezwa kw isi.


Kand’ azoheba Abisirayeli, abahōye ivyaha Yerobowamu yakoze, akabikwegeramwo n’Abisirayeli.


Kand’ igicaniro c’i Beteli, n’ igitabo catabishije Yerobowamu mwene Nebati yakwegeye Abisirayeli mu vyaha, ico gicaniro n’ico gitabo arabisangangura; aturira ibiti vyo mur’ ico gitabo, arabisyokora bihinduka ifu, aturira n’ igishushanyo ca Ashera.


Nukw ivyo vyose bishize, Abisirayeli bose bāri bakoraniye aho, baca baja mu bisagara vy’i Buyuda, bamenagura amabuye bāshinze, batemagura inkingi bāshingiye Ashera, basibanganya ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, basangangura n’ibicaniro vy’i Buyuda n’i Bubenyamini, bo n’i Bgefurayimu no mu bg’Abamanase, gushitsa aho babiherengetereje vyose. Abisirayeli bose barahindukira, basubira mu bisagara vyabo, umuntu wese mw ishamvu yiwe.


Kand’ abantu bazokwinjira mu masenga yo mu bitandara, no mu vyobo vyo mu kuzimu, bahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi.


aje mu masenga yo mu bitandara, no mu bihoro vyo mu bitandara nyene, ahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi.


Mu gihugu c’abantu banje hazomera amahwa n’imikēre; mbere bizomera no ku mazu yose banezererwamwo yo ku murwa w’umunezero;


Ingoro zaho zizomeramw’ amahwa, n’ibihome vyaho bizomeramw’ ibisuru n’ibitovu; hazoba ubgishinzo bg’ imbgebge n’inama y’ibisīga vyitwa imbuni.


Bagira imitima ibiri: noneho babonetsek’ urubanza rubatsinze. Imana izosangangura vya bicaniro vyabo, isitagure za nkingi zabo.


Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.


Yemwe Bisirayeli, mwacumuye uhereye igihe c’i Gibeya: aho ni ho bahagaze bashikamye, kugira ngw intambara iteye abagabitanya ntibashikeko i Gibeya.


Ni co gituma ngira nsākize amahwa inzira yiwe, ndamuzitirire uruzitiro rwo kumubuza, ngo yoye kubona ah’ aca.


Bacumitira ibimazi ku mpinga z’imisozi, bakosereza imibavu ku turambi, musi y’ibiti vy’imyeloni n’ivy’ imilebeni n’ivy’ imyela, kuko bigira ibitūtu vyiza; ni co gituma abakobga banyu bīgira ba maraya, n’abakazana banyu bagasambana.


Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.


Muvugirize inzamba i Gibeya, n’urumbete i Rama: muvugirize akarūru i Betaveni; ngah’ inyuma yawe, Benyamini!


Nzinutswe imasa yawe y’ikigirwamana, ewe Samariya! Uburake bganje burabaziriringiye: bazogeza ryari kwanka kwihumanura?


Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo.


Kandi nzovunagura ibihindizo vy’i Damasiko, mpenebereze ababa mu kiyaya c’i Aveni, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe w’i Beti‐Edeni; kand’ ihanga ry’i Siriya rizokwambukanwa i Kiri ar’ inyagano, ni k’Uhoraho agize.


Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi.


kand’ ibitabo aba Isaka bātavye ku mpinga z’imisozi bizosigara bitamāriwe, n’ahantu hēra h’Abisirayeli hazosangangurwa; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nitwaje inkota.


Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.


Yemwe ababa i Lakishi, muhambīrire umukogote kw ifarasi inyaruka: ni mwebge mwabanje gucumuza umukobga w’i Siyoni; kukw ibicumuro vy’Abisirayeli vyabonetse kuri mwebge.


Ivyo vyose vyatewe n’igicumuro ca Yakobo, n’ivyaha vy’inzu ya Isirayeli. Non’ igicumuro ca Yakobo n’iki? Mbega s’i Samariya? Kand’ ibitabo vyatabge i Buyuda n’ibiki? S’i Yerusalemu?


Nawe n’uko, uzoborerwa, uje kwinyegeza; kand’ uzokwironderera ubuhungiro kubg’ abansi.


Ni ho bazotangura kubarira imisozi, bati Ni mutugweko; n’imirambi, bati Ni mudupfuke.


Ndaheza nābīra bga buyobe bganyu, ya masa mwacuze, ndayiturira, ndayisekura ndayinoza, kugeza icitse ifu; mmēmēra ifu yayo mu kagezi kamanuka kava kuri wa musozi.


babarira imisozi n’ibitandara, bati Ni mutugweko, muduhishe inyonga z’Īvyagiye kur’ irya ntebe n’uburake bg’Umwagazi w’Intama;


Mur’ iyo misi abantu bazoba barondera urupfu, ariko ntibazorubona na gatoya; bazoba bifuza gupfa, urupfu rubahunge.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ