Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 10:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 10:5
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko rero Yehu ntiyaretse gukurikira ivyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakoze akabikwegeramwo n’Abisirayeli, n’ivy’ ibishushanyo vy’amamasa vyacuzwe mw izahabu, vyar’ i Beteli n’i Dani.


Nuko bata amabgirizwa yose y’Uhoraho Imana yabo, bīronkera ibishushanyo bibiri vy’ amamasa bavugutiye mu nkero, bakīronderera Ashera, bagasenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, bagasaba Bayali,


Yirukana abaherezi b’ ivyo bishushanyo, abo abami b’i Buyuda bashizeho ngo bosereze imibavu mu bitabo vyo mu bisagara vy’i Buyuda no mu bitabo vyo hirya no hino y’i Yerusalemu; akūraho n’abosereza imibavu Bayali, bakayosereza n’izuba n’ukwezi n’uburundo bg’inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru.


Yerobowamu akīshirirah’ abandi baherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi, ngo bahēreze ibisigo vy’amapfizi y’impene n’ibishushanyo vy’ amamasa yacurishije.


Non’ ehe muriyumvira ko muzotsinda ubgami bg’Uhoraho buri mu maboko ya bene Dawidi, kuko mur’ amasinzi n’amasinzi, mukaba mufise n’ibishushanyo vy’amamasa vy’izahabu, ivyo Yerobowamu yabacurishirije ngo bibe imana zanyu!


Izo mana zirubamye zirundukiye hamwe; ntizashoboye kurokora uwo mutwaro, ariko na zo ubgazo zagiye ar’ inyagano.


Noneho bagenda barushiriza gukora ivyaha, kandi bikoreye ibishushanyo mu mafeza yabo babivugutiye mu nkero, ni vyo bigirwamana bīgeneye mu bgenge bgabo, vyose ar’ ibikorwa vy’abahanga; bavuga ivyavyo, bati Ni babicumitire ibimazi! Abagabo bagasoma ayo mamasa y’ibigirwamana.


Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.


Muvugirize inzamba i Gibeya, n’urumbete i Rama: muvugirize akarūru i Betaveni; ngah’ inyuma yawe, Benyamini!


Sigaho kunezerwa, ewe Isirayeli, nk’ukw abanyamahanga bīnezererewe; kuko wīgize maraya, ukava ku Mana yawe, wakunze impēra z’ubumaraya ku mbuga zose zanikira impeke.


Abefurayimu na bo nyene, ubgiza bgabo buzoguruka nk’inyoni: nta wuzovyara, nta wuzogira inda, canke ngw ayisame.


Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi.


Nzobangurira ukuboko kwanje Abayuda n’ababa i Yerusalemu bose; nzorandura amasigarira ya Bayali aho hantu, n’izina ry’ibishegu hamwe n’abaherezi;


S’ukw igikorwa cacu kiri mw irinde kigiye gukēngērwa gusa, ariko kandi n’ingoro y’igitabo c’imanakazi ihambaye Arutemi yotītūrwa, mbere yonakūrwakw icubahiro cayo gikomeye, ari yo abo muri Asiya bose n’isi yose basenga.


Yosuwa atuma abantu bava i Yeriko ngo baje i Hayi; hari hafi y’i Betaveni, ku ruhande rw’i Beteli rw’i burasirazuba; arababarira, ati Ni mudūge, muje gutata ico gihugu. Nukw abo bantu baradūga, baja gutata Hayi.


Arabishura, ati Ko munsahuye imana zanje nironkeye, n’umuherezi wanje, mukīgīra mugasiga munyogeje, none murambaza, muti N’ibiki?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ