Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 10:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bavuga amagambo atagira ikimazi, bakarahira ibinyoma mu gusezerana amasezerano; ni co gituma amateka azobaduka nk’uk’ ururamba rubaduka mu busīze bgo mu ndimiro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 10:4
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.


Nta kindi kiriho, atar’ ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’ amaraso ahōrwa ayandi.


Ariko bo, bishe isezerano nka Adamu: aho ni ho bāndyarukiye.


Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi,


Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi,


Kuko mbona yuk’ uri mw ibamba ry’umururazi no mu ngoyi zo kugabitanya.


n’ibipfu, n’abava mw isezerano, n’abadakunda n’ababo, n’imburakigongwe.


Muri mwebge ntihaze hagire ūkūra umutima k’Uhoraho Imana yacu, ngw aje gusaba imana z’ayo mahanga, ar’ umugabo cank’ umugore cank’ inzu cank’ umuryango; kugira ngo muri mwebge hoye kuba umuzi uzana ibamba n’umururazi.


Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe; kand’ iri hanga rizohaguruka, bahurumbire izindi mana nk’ibimaka, ari vyo bigirwamana vy’ico gihugu, aho bagiye kuja kuba muri bene co, bamveko, bice isezerano ryanje nasezeranye na bo.


Maz’ ico gihe uburake bganje buzobaziriringira, nanje ndabahebe, ndabahishe mu nyonga hanje, bamarwe n’ivyago vyinshi n’imibabaro bizobazako; bitume bavuga, bat’ Icateye ibi vyago kutuzako s’ukw Imana yacu itari muri twebge?


badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza,


mwizigame, ntihagire umuntu adashikīra ubuntu bg’Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakāndura,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ