Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 10:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bagira imitima ibiri: noneho babonetsek’ urubanza rubatsinze. Imana izosangangura vya bicaniro vyabo, isitagure za nkingi zabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 10:2
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Eliya yēgēra abantu bose, arababarira, ati Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira. Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe.


Kandi ntimukikubite imbere y’ibigirwamana vyabo, canke ngo mubisabe, canke ngo mwīgāne ingeso zabo: ariko muze mubihenebereze rwose, mumenagure amabuye yavyo bāshinze kw inkingi.


Umunyakibi aca ingero y’ibihendo, Arik’ ūbiba ubugororotsi aronka impēra y’ukuri.


Nta co bazi, kandi nta co biyumvira, kukw amaso yabo yahumye ngo ntibashobore kubona, n’imitima yabo ngo ntibashobore gutahura.


Kand’ azohomvagura inkingi ziri mu rusengero rw’izuba, ruri mu gihugu ca Egiputa; kand’ amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa azoyatongoza umuriro.


kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli mbafatane ibiri mu mitima yabo, kuko bose twahubanywe kubg’ ibigirwamana vyabo.


Mbeg’ i Gileyadi ntihar’ ibigabitanyo? Eka rwose n’abatagira ikimazi! I Gilugali bacumita amapfizi kw ibimazi: mber’ ibicaniro vyabo bimeze nk’ibihongo vyo mu busīze bgo mu ndimiro.


Samariya hazogibgako n’ibigabitanyo vyaho, kuko bāgararije Imana yabo: bazoririkwa n’inkota: abana babo b’inzoya bazomenagurirwa hasi, kand’ abagore babo bakuriwe bazofomozwa.


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


Efurayimu yivanga n’ayandi mahanga; Efurayimu ameze nk’ umukate utagaraguwe, uzigiye uruhande rumwe.


Kandi nzokomvomvora ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi, nsiture ibishushanyo vyanyu vy’izuba, nshiburire imivyimba yanyu ku mirambararo y’ibigirwamana vyanyu; kandi nzobazinukwa mu mutima wanje.


Nzorandura muri wewe ibishushanyo vyawe bibājwe, n’ibigirwamana vyawe vy’ inkingi; ntuzokwongera gusenga ivyakozwe n’amaboko yawe.


n’abasenga inyenyeri, ari zo ngabo zo kw ijuru, būriye hejuru ku mazu; n’abasenga bandahira jewe Uhoraho bagatako bakarahira na Milikomu;


Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


kukw ar’ umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose.


Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.


Ntimugakunde isi, cank’ ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we.


Bukeye bgaho, mu mavyuka ya kare nyene, basanga Dagoni yongeye gutemba yubamye imbere y’isandugu y’Uhoraho, kand’ umutwe n’ibikonjo vyayo vyahimbaguritse vyayivuyeko, bitembagara mu rwinjiriro; hari hasigaye umutumba wayo gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ