9 Uhoraho aravuga, at’ Izina ryiwe n’umwite Sabantubanje: kuko mutar’ abantu banje, nanje sinzoba Imana yanyu.
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.
Bukeye Pashuri akūra Yeremiya mur’ izo mpatane. Maze Yeremiya aramubgira, at’ Uhoraho ntiyakwise Pashuri, ariko yakwise Magori‐misabibu.
Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.
Nukw acukije Ntambabazi, arongera asama inda, avyara umuhungu.
Ni jewe nzomwibibira mu gihugu; kandi Ntambabazi nzomugirira imbabazi, mbarire Sabantubanje, nti Mur’ abantu banje; na bo bazovuga, bat’ Ur’ Imana yacu.