8 Nukw acukije Ntambabazi, arongera asama inda, avyara umuhungu.
Umwana arakura, aracuka; ku musi Isaka yacutseko Aburahamu atumirira abantu benshi amazimano.
Nukw arongera asama inda, avyara umukobga. Uhoraho yongera kumubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Ntambabazi, kuko ntazosubira kugirira imbabazi inzu ya Isirayeli, ngo ndabaharire na gatoya.
Ariko nzogirira ikigongwe inzu ya Yuda, mbakize jewe Uhoraho Imana yabo; kandi sinzobakirisha umuheto, cank’ inkota, cank’ intambara, cank’ amafarasi, cank’ abayagenderako.
Uhoraho aravuga, at’ Izina ryiwe n’umwite Sabantubanje: kuko mutar’ abantu banje, nanje sinzoba Imana yanyu.