Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ariko nzogirira ikigongwe inzu ya Yuda, mbakize jewe Uhoraho Imana yabo; kandi sinzobakirisha umuheto, cank’ inkota, cank’ intambara, cank’ amafarasi, cank’ abayagenderako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 1:7
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ut’ Ariko weho Hezekiya, iki ni co kizokubera ikimenyamenya: uyu mwaka muzorya ivyimejeje ubgavyo, mu mwaka ugira kabiri muzorya utunagano twavyo, mu mwaka ugira gatatu muze mubibe, mwimbure, mutere inzabibu, muziryeko.


Ngw Azozigama uyu murwa kugira ngw awukize, abikoze kubgiwe no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.


Maze mur’ iryo joro nyene umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’ imivyimba.


Za ngabo zimanutse iyo Elisa ari, asaba Uhoraho, ati Ndakwinginze, suka uruhuni mu maso y’aba bantu. Nukw abatamw’ uruhuni, nk’uko Elisa yasavye.


Nta mwami akizwa n’ukw ari n’ingabo nyinshi, Umuhizi ntarokorwa n’inkomezi ziwe nyinshi.


Ariko ni wewe wadukijije abansi bacu, Watētereje abatwanka.


Mose yishura abantu, ati Nta co mutinya: mwihagararire gusa, murābe agakiza Uhoraho agira ngw abazanire uyu musi: kukw Abanyegiputa mubonye uyu musi mutazokwongera kubabona ukundi.


Uko ni k’Uhoraho yakijije Abisirayeli kur’ uwo musi, abakūra mu maboko y’Abanyegiputa. Maz’ Abisirayeli bībonera imivyimba y’Abanyegiputa irambaraye kw isēsero ry’ikiyaga.


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Ni kubg’ ivyo Uhoraho ashamaje kugira ngw abagirire ubuntu, kandi ni kubg’ ivyo azohaguruka kugira ngw abagirire ikigongwe, kuk’ Uhoraho ar’ Imana ica izibereye; hahirwa abashamaje bamwiteze bose.


aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


at’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, muve mu bubi bg’ibikorwa vyanyu, ni ho muzokwibera mu gihugu Uhoraho yabahānye na ba sogokuruza, uhereye kera ugashitsa ibihe bitazoshira.


Kandi ntimugakurikire izindi mana ngo muzisabe, muzisenge; ntimukamurakishe ibikorwa vy’intoke zanyu: na we ntazogira ivyago abatēza.


nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi.


Nukw acukije Ntambabazi, arongera asama inda, avyara umuhungu.


Efurayimu ankikije ibinyoma, n’ab’ inzu ya Isirayeli bankikije ubugunge; ariko Yuda we aracatwarira Imana, aracar’ umwizigirwa k’Uwera.


Aranyishura, ati Ngiri ijambo Uhoraho atumye kuri Zerubabeli, ati Si kubg’ inkomezi, si kubg’ ubushobozi, ariko ni kubga Mpwemu wanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


kand’ iri koraniro ryose rimenye yuk’ Uhoraho adakirisha inkota cank’ icumu, kukw intambara ar’ iy’ Uhoraho, kandi ni we agira abagabure mu maboko yacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ