5 Maze kur’ uwo musi nzovunagurira umuheto wa Isirayeli mu kiyaya c’i Yezireli.
Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.
Inkota yabo ni bo izocumita mu mitima, Imiheto yabo izovunika.
Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi, Avunagura imiheto, amacumu arayacagagura, Imikogote ikwegwa n’amafarasi ayiturira mu muriro.
mber’ abanyazi barahashitse, bashitse i Babuloni nyene, abahizi baho barafashwe, imiheto yabo iravunaguritse. Kuk’ Uhoraho ar’ Imana yīhōra, ntazobura kwīhōra.
kand’ umuheto wawe ufashe mu kubamfu nzowukubita ukoroke, n’ imyampi yawe ufashe mu kuryo ndayikororere hasi.
Maze kur’ uwo musi nzosezerana isezerano n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ivyikwega hasi, kubganyu: kandi nzoca umuheto n’inkota n’intambara bibavire mu gihugu, ntume baryama amahoro.
Aba Yosefu baravuga, bat’ Ek’ uwo mugamba ntiwodukwira; kand’ Abanyakanani bo mu biyaya, ar’ab’i Beti‐sheyani n’ibisagara bihakūkira, ar’ abo mu kiyaya c’i Yezireli, bose bafise imikogote y’ ivyuma.
Maz’ Abamidiyani bose n’ Abamaleki n’ab’i burasirazuba bakoranira hamwe, bajabuka Yorodani, basagaza mu kiyaya c’i Yezireli.