Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Hoseya 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Hoseya mwene Beyeri, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, hāri no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Hoseya 1:1
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yehowasi ahamvya ba sekuruza, Yerobowamu asubira ku ngoma yiwe. Yehowasi ahambga i Samariya hamwe n’abami b’Abisirayeli.


Nuko Yehowasi ahamvya ba sekuruza, ahambga i Samariya hamwe n’abami b’Abisirayeli; maz’ umuhungu wiwe Yerobowamu asubira ku ngoma yiwe.


Mu mwaka ugira icumi na gatanu Amaziya mwene Yowasi umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Yerobowamu mwene Yehowasi umwami w’Abisirayeli yima i Samariya; amara imyaka mirongwine n’umwe ari ku ngoma.


Mu mwaka ugira kabiri Peka mwene Remaliya umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, ni ho Yotamu mwene Uziya, umwami w’i Buyuda, yima.


Hanyuma Uhoraho atēza umwami imibembe, arinda atanga akir’ umunyamibembe, aba mu nzu ya wenyene; maze Yotamu umwana wiwe ni we yagaba ivyo mu rugo, agacira abantu bo mu gihugu imanza.


Nuko Uziya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba hamwe na bo ku murwa wa Dawidi; maz’ uwo muhungu wiwe Yotamu asubira ku ngoma yiwe.


Yotamu yar’ amaze imyaka mirongwibiri n’itanu aho yima; amara imyaka cumi n’ itandatu i Yerusalemu ari ku ngoma. Nyina yitwa Yerusha, umukobga wa Sadoki.


Ahazi yar’ amaze imyaka mirongwibiri igihe yima, amara imyaka cumi n’itandatu i Yerusalemu ari ku ngoma. Mugabo ntiyakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’uko sekuruza Dawidi yakora;


Kand’ ibimazi vyejejwe vyar’ amapfizi amajana atandatu n’intama ibihumbi bitatu.


Ivyo Yesaya mwene Amosi yeretswe, ivyo yabonye ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda.


Ku ngoma ya Ahazi mwene Yotamu, Yotamu wa Uziya, umwami w’i Buyuda, Rezini umwami w’i Siriya na Peka mwene Remaliya umwami w’Abisirayeli badūga i Yerusalemu kuhatera, maze harabananira.


Ijambo ry’Uhoraho riza kuri we mu mwaka ugira icumi na gatatu Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma.


ijambo ry’ Uhoraho ryanjeko jewe umuherezi Ezekiyeli mwene Buzi, ndi mu gihugu c’Abakaludaya ku ruzi Kebari; kand’ aho hantu nyene ni ho ukuboko kw’Uhoraho kwaziye kuri jewe.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yoweli mwene Petuweli.


Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yona mwene Amitayi, riramubgira,


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Mika w’i Moresheti, ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, amajambo y’ivyo yeretswe kuri Samariya n’i Yerusalemu.


Mu kwezi kw’umunani mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana,


None ko yabise imana, bamwe ijambo ry’Imana ryashitseko (kand’ ivyanditswe ntibishobora guhinduka),


Nk’uko yavugiye mu kanwa ka Hoseya, it’ Abatār’ abantu banje nzobita abantu banje, Kand’ ūtār’ inkundwakazi nzomwita inkundwakazi.


kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ