3 Nuko Aroni abigenza artyo; ashira ayo matara ku gitereko, uburyo butuma abonesha imbere yaco, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.
n’igiterekwakw amatara c’izahabu iramuye, n’ amatara yaco nyene, ari yo matara yo gushirwa kuri co, n’ibintu vyaco vyose, n’amavuta y’ayo matara;
Agishirakw amatara imbere y’ Uhoraho, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.
ati Barira Aroni, uti Ni washira ya matara ku gitereko cayo, uz’ uyatereke kuri co ukw ari ndwi, uburyo butuma abonesha imbere yaco.
Uku ni kw ico gitereko cākozwe: cari gicuzwe mw izahabu; car’ igicurano uhereye ku ntebe yaco ugashitsa no ku bimeze nk’amashurwe biri kuri co; nk’ukw icitegererezo cari kiri, Uhoraho yeretse Mose, uko ni ko Mose yacurishije ico gitereko.
Nta bodomeka itara ngo baryubikekw igisimbo, ariko barishira ku gitereko caryo, ngo riboneshereze abari mu nzu bose.