Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Guharūra 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bazana amashikanwa yabo imbere y’Uhoraho, imikogote itandatu isakaye hejuru, n’inka cumi na zibiri zo kuyikwega: abo bakuru bose, babiri‐babiri bāsangira gushikana umukogote, umwe‐umwe akīsangiza inka; babizana imbere y’iryo hema.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Guharūra 7:3
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko none ndabikugeze: ubabarire, bagenze bartya: bajane imikogote imwe yo mur’ iki gihugu ca Egiputa ikwegwa n’amafarasi, yo kuzana abana babo bato n’abagore babo, bazane na so, baze ino.


Nuko bene Isirayeli babigenza bartyo; Yosefu abaha imikogote, nk’uko Farawo yabigeze, abaha n’ impamba.


Bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza, bāshitse ku kibanza c’ingoro y’ Uhoraho i Yerusalemu, batanga amashikanwa y’iyo ngoro y’Imana bivuye ku mitima, ngo bayihagarike ahantu hayo.


ati Barira Abisirayeli bankoranirize amashikanwa; muze mwākīrire umuntu wese aritanze rivuye ku mutima.


Nuko bazozana bene wanyu bose babakūye mu mahanga yose kw ishikanwa ryanje Uhoraho, bazoza bagendera ku mafarasi no mu mikogote ikwegwa na yo, no mu nderuzo no ku nyumbu no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje wera Yerusalemu, ni k’Uhoraho agize; bizoba nk’ ukw Abisirayeli bahora bazana amashikanwa yabo mu nzu yanje Uhoraho, bayazanye mu bintu bitunganye.


Umve, ngira mbashikamire aho muri, nk’uk’ umukogote wuzuye ibinyankinda ushikamira hasi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ