3 ar’ icitwa izinamuhungu cank’ izinamukobga, mubakūreho, mubashire hirya y’aho mushagaje, kugira ngo ntibahahumanye, kand’ ari ho mba hagati.
Adondekanya imbaho z’amasederi kur’ iyo myaro itambitswe kur’ izo nkingi mirongwine na zitanu uko zinegagiye ar’ icumi‐icumi na zitanu mu murongo.
Uradūze, uja iyo hejuru, ujanye iminyago, Uhērewe ingabire hagati y’ abantu: Mbere uzihērewe hagati y’ abagarariji na bo, kugira ng’ Uhoraho Imana abane na bo.
Kandi bangirire ahēra ho kuba, kugira ngo nze ngerēre hagati muri bo.
Kandi nzoba hagati mu Bisirayeli, mbe Imana yabo.
Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.
Nyene guhumanurwa aheze amesure impuzu ziwe, yimoshe ahamera umushatsi hose, yiyuhagire, azoba ahumanutse, abone kugaruka aho mushagaje; arikw amare imisi ndwi abe hanze inyuma y’ihema ryiwe.
Uko ni ko muzotandukanya Abisirayeli n’ubuhumane bgabo, kugira ngo boye gupfa bahōwe ubuhumane bgabo bgo kwanduza ihema ryanje riri hagati muri bo.
Bikoraniriza hamwe kurwanya Mose na Aroni, barababarira, bat’ Ivyanyu biratunaniye! Ereg’ ishengero ryose n’iryera, iyo bava bakagera, kand’ Uhoraho ari muri bo: none n’iki gituma mwishira hejuru y’ikoraniro ry’Uhoraho?
Kand’ ikintu cose ūhumanye azokorako na co kizoba gihumanye: ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.
Ntimuze muhumanye igihugu muzobamwo, ico nzoba ndimwo hagati: kuko jewe Uhoraho mba hagati mu Bisirayeli.
Nukw Abisirayeli babigenza bartyo, babashira hirya y’aho bashagaje; nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose, baba ari ko bakora.
kuk’ Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati y’aho mushagaje, kugira ngw abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu; ni co gituma aho mushagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugira ngo ntaz’ ababonemw’ ikintu na kimwe giteye ishishi, akarora irya, akabata.
Ni hagira umugurano acika, ahunze shebuja, agahungira muri mwebge, ntimuze mumumuhe;
Ariko bene Data, turabagera mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, kuzibukīra mwene Data wese agenda asaragurika, cank’ adakurikira ivyo mwashikirijwe natwe.
Ūzana ibice ni wamara kumuhanūra ubga mbere n’ubga kabiri akanka, ntukamwemere,
Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.
Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.