2 ati Barira Abisirayeli, bakūre aho mushagaje umunyamibembe n’ ūfise igisokoro n’ūhumanijwe no gukora ku muvyimba, uw’ ari we wese,
Kandi hār’ abantu bane b’abanyamibembe kw irembo ry’igisagara; baravugana, bati N’iki kitwicaritse ngaha kugira ngo tuhapfire?
Kand’ umunyamibembe iy’ arwaye iyo ndwara, agende yambaye impuzu zitantamutse, ahamburuye umushatsi wiwe, yipfutse ku munwa, agende arasemerera, ati Ndahumanye, ndahumanye!
Imisi yose akirwaye iyo ndwara azoba ahumanye; mber’ azoba ar’ igihumane, abe ukwiwe: az’ abe hirya y’aho mushagaje.
Uwo muherezi amusuzume, maze ni yabona ico gisekera cunguruje koko aho nyene inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ imibembe.
Nyene guhumanurwa aheze amesure impuzu ziwe, yimoshe ahamera umushatsi hose, yiyuhagire, azoba ahumanutse, abone kugaruka aho mushagaje; arikw amare imisi ndwi abe hanze inyuma y’ihema ryiwe.
Uhoraho abarira Mose, ati Barira abaherezi bene Aroni, uti Ntihaze hagire umuherezi yiyandurisha ūpfuye wo mu bgoko bgabo;
Kandi ni hagira umuntu atazokwibabaza kur’ uwo musi, az’ acibge mu bgoko bgabo.
Ca gicu kiva hejuru y’ihema, kiragenda; Miriyamu aca asēsakw imibembe, yera nka shelegi; Aroni amukubisekw amaso, asanga yashēshekw imibembe.
Uhoraho aramwishura, at’ Iyaba se yamuciriye amate mu maso gusa, ntiyomaze imisi ndwi amāramāra? Ni bamwugaranire inyuma y’aho mushagaje, amare imisi ndwi, aheze abone kugaruka.
Kandi namwe ubganyu, mugume inyuma y’aho dushagaje, muhasagaze kumara imisi ndwi; uwishe wese, n’uwakoze ku muvyimba wese, aze yihumanure ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi, mwihumanurane n’abo mwafashe mpiri.
Uhoraho abarira Mose,