4 Kand’ ibi ni vyo bikorwa aba Kohati bazokora mur’ iryo hema ry’ibonaniro no mu vyera cane.
Maze Dawidi abacamw’ ibice, akurikiye ukw abahungu ba Lewi bāri bari: aba Gerushoni n’aba Kohati n’aba Merari.
Hatako hahaguruka bene Kohati, bareruye ivy’ Ahēra; basanga rya hema bamaze kurishinga.
Maze Aroni n’abana biwe ni baheza gutwikira ivy’ Ahēra n’ibintu vyaho vyose, igihe hageze guhaguruka ngo mugende, hanyuma aba Kohati babone kuza kubirerura; ariko ntibaze bakore ku vyēra, kuko bopfa. Ivyo ni vyo aba Kohati bagerewe kurerura vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.
ariko muze mwame mubagirira murtya, kugira ngo babeho ntibapfe, igihe bazokwēgēra ivyēra cane: Aroni n’abana biwe binjire, babagerere umuntu wese igikorwa ciwe n’umutwaro wiwe.
Kand’ ibi ni vyo bikorwa ab’ imiryango y’aba Gerushoni bazokora, bo n’ivyo bazorerura:
muhēre ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, mugarukire ku bamaze mirongwitanu, bose abashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.
ubaharūre uhereye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ugarukire ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.
Iyo hageze guhaguruka ngo mugende, Aroni yinjirane n’abana biwe, bamanure igihuzu gikingīra Ahēra cane, bagitwikirize isandugu y’Ibishinga intahe;
Arikw Abakohati ntiyagira ico abaha, kuko bo, igikorwa cabo bājējwe car’ ico mu bintu vyēra, bakaba bari bakwiye kubirerura ku bitugu vyabo.
Ni nk’umuntu yasize urugo rwiwe, aja mu kindi gihugu, asigarana abashumba biwe urugo, kand’ ahejeje kugerera umuntu wese igikorwa ciwe, abarira umuteramyi ngo yame agavye.