Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Guharūra 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 muhēre ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, mugarukire ku bamaze mirongwitanu, bose abashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Guharūra 4:3
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yosefu yar’ amaze imyaka mirongwitatu igihe yarenguka imbere ya Farawo. Nukw arijura, ava imbere ya Farawo, agendagenda igihugu cose ca Egiputa.


Kandi Dawidi yimye amaze imyaka mirongwitatu avutse; amara imyaka mirongwine ku ngoma.


Kand’ abandi bagenzi babo b’Abalewi bāri bashizweho gukora ibikorwa vyose vy’iryo hema, ari yo ngoro y’Imana.


Abaherezi bāgenda bandikwa ukw amazu ya ba sekuruza ari; Abalewi uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, bakandikwa ukw ibikorwa vyabo n’imbu zabo biri.


Nuko mu mwaka ugira kabiri uhereye aho bashikiye ku kibanza c’ingoro y’Imana i Yerusalemu, mu kwezi kwa kabiri, ni ho Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki batanguriye gukora, bafatanije n’abandi bagenzi babo b’abaherezi n’ Abalewi, n’abavuye mu kinyago bose bakaza i Yerusalemu; bashirah’ Abalewi, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, kugira ngo bahagarikire igikorwa c’ingoro y’Uhoraho.


muhēreye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, abo mu Bisirayeli bose bashobora kurwana mu ntambara, mwe na Aroni mubaharūre, nk’ukw imice yabo iri.


Arikw Abalewi uz’ ubagire abo kuzezwa iryo hema ry’Ibishinga intahe, n’ibintu vyose vy’imbombovu vyo muri ryo, n’ivyaryo vyose: abe ari bo barirerura, n’ibintu vyose vyo muri ryo; abe ari bo bakora ibikorwa vyo muri ryo, bashinge amahema yabo impande zose z’iryo hema.


mbega mwabigize ivyoroshe kw Imana y’Abisirayeli yabarobanuye mw ishengero ry’Abisirayeli bandi, kugira ngw ibiyegereze, ngo mukore igikorwa co mw ihema ryayo, ari we Uhoraho, ngo muhagarare imbere y’ishengero guhēreza ivyaryo?


ati Muharūre igitigiri c’aba Kohati, mubarobanuye mu Balewi bandi; mubaharūre nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari;


ubaharūre uhereye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ugarukire ku bamaze mirongwitanu, bose abashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.


ubaharūre uhereye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ugarukire ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.


bahēreye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, bagarukira ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ ihema ry’ibonaniro.


Kand’ ibi ni vyo bikorwa aba Kohati bazokora mur’ iryo hema ry’ibonaniro no mu vyera cane.


uhereye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ukagarukira ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro, no kurerura ivyaryo,


Aho Yesu yatangura kwigisha, yar’ amaze imyaka nka mirongwitatu avutse, kandi biyumvira ko yari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli,


Iri bgirizwa ndariguhaye, mwana wanje Timoteyo, nk’ukw abavugishwa n’Imana bākuvuzeko ubga mbere, ng’ ufashwe na vyo kurwana intambara nziza,


Iri jambo n’iryo kwizerwa: umuntu ni yagomba kuzezwa ishengero, aba yifuje igikorwa ciza.


Kandi ntakwiye kuba muto mu kwizera, kugira ngo ntiyikakishe, ngw atembe, agacirwakw iteka wa Murwanizi yaciriweko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ