2 ati Muharūre igitigiri c’aba Kohati, mubarobanuye mu Balewi bandi; mubaharūre nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari;
Aba ni bo bene Kohati, nk’ukw imiryango yabo iri: Amuramu na Isihari na Heburoni na Uziyeli.
Abākomōtse kuri Kohati n’ umuryango w’Abamuramu n’uw’ Abisihari n’uw’ Abaheburoni n’uw’ Abuziyeli: iyo ni yo miryango y’aba Kohati.
Uhoraho abarira Mose na Aroni,
muhēre ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, mugarukire ku bamaze mirongwitanu, bose abashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.