9 Nukw Abalewi ubashikirize Aroni n’ abana biwe, arabahawe arabeguriwe, barobanuwe mu Bisirayeli.
Aravuga, ati Ntihaze hagire umuntu wundi arerura isandugu y’Imana atar’ Abalewi, kukw ari bo Uhoraho yatoranije kwama bayirerura, no kumukorera imisi yose.
Aba ni bo bākora ico gikorwa, bo n’ abana babo: mu ba Kohati ni Hemani umuririmvyi, mwene Yoweli, Yoweli wa Samweli;
Abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero n’aba: abo mu ba Siha, no mu ba Hasufa, no mu ba Tabayoti,
Bashirah’ abaherezi ukw imigabane yabo ikurikirana, n’Abalewi baja ku mbu zabo, ngo bakorere Imana i Yerusalemu, nk’uko vyanditswe mu gitabo ca Mose.
bo n’abo mu bahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, abandurutse ku bo Dawidi n’abāmutwarira bāri bāratanze ngo bakorere Abalewi, abanyebango amajana abiri na mirongwibiri, bose badōndwa amazina yabo.
mbega mwabigize ivyoroshe kw Imana y’Abisirayeli yabarobanuye mw ishengero ry’Abisirayeli bandi, kugira ngw ibiyegereze, ngo mukore igikorwa co mw ihema ryayo, ari we Uhoraho, ngo muhagarare imbere y’ishengero guhēreza ivyaryo?
Kandi bene wanyu, ab’ umuryango wa Lewi, umuryango wa sogokuruza, ubazane, mwīgirane hafi, bafatanye nawe, bagutumikire, iyo mur’ imbere y’ihema ry’Ibishinga intahe, wewe hamwe n’abana bawe.
Bazezwe ibintu vyose vyo mw ihema ry’ibonaniro, batumikire n’ishengero ry’Abisirayeli mu vyo ryagezweko, bakore n’ibikorwa vy’iryo hema.
Ukw abe ari k’urobanura Abalewi mu Bisirayeli bandi: Abalewi babe abanje niharije.
Kukw abo mbahawe mbeguriwe mu Bisirayeli bandi; kuko mbitoranirije ngo basubire mu gishingo c’ubuzibūra bgose, ari bgo bana b’imfura bose b’Abisirayeli.
None ntwaye Abalewi ngo basubire mu gishingo c’abana bose b’imfura b’Abisirayeli.
Kandi ntanze Abalewi, mbahaye Aroni n’abana biwe, mbakūye mu Bisirayeli bandi, ngo bakore igikorwa c’ihema ry’ibonaniro mu gishingo c’Abisirayeli, ngo babatangire impongano, kugira ngo hoye gutera ikīza na kimwe mu Bisirayeli, iyo begereye Ahēra.
Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:
Ni co gituma ivuga, iti Yaradūze, aja iyo hejuru, ajanye iminyago, Agabira abantu ingabire.