4 Ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwirindwi na bine n’amajana atandatu.
abāharūwe bo mu muryango wa Yuda baba ibihumbi mirongwirindwi n’amajana atandatu.
I burasirazuba haze hasagaze ab’ ibendera y’igugu rya Yuda, nk’ukw imice yabo iri; umukuru w’Abayuda ni Nahashoni mwene Aminadabu.
Ab’ umuryango wa Isakari abe ari bo bahererana na bo; kand’ umukuru w’Abisakari ni Netaneli mwene Suwari:
Ayo ni yo mazu y’aba Yuda, nk’ukw abāharūwe bari, ukw ar’ ibihumbi mirongwirindwi na bitandatu n’amajana atanu.