Maze Isirayeli akiri mur’ ico gihugu, Reyubeni aragenda asambana na Biluha incoreke ya se: Isirayeli arabimenya. Nukw abahungu ba Yakobo bari cumi na babiri:
Abāshinga amahema yabo imbere y’iryo hema ahahera i burasirazuba, yari Mose bo na Aroni n’abana biwe; ni bo bāzēzwa igikorwa c’Ahēra, n’ibindi bākora kubg’ Abisirayeli; kand’ uwundi wese atar’ uwo muri bo yovyēgēra akavyitamwo, yar’ akwiye kwicwa.