Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Guharūra 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 at’ Abisirayeli baze bame bashinga amahema yabo, umuntu wese ku ruhande rw’ibendera y’i wabo, bateko baje ku kabendera karanga inzu ya ba sekuruza: basagaze bakīkūje ihema ry’ibonaniro impande zose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Guharūra 2:2
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abarwanizi bawe bātontomeye hagati y’aho twakoranira kugusenga: Bāshinze amabendera yabo ngw abe ibimenyetso.


Musezerane isezerano, murishitse k’Uhoraho Imana yanyu: Uwo Nyene gutinywa, abamukikije bose bamuzanire ingorore.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


Yemwe ababa mw isi mwese, yemwe abagandagaje mw isi, ni mwabona ibendera imanitswe ku misozi miremire, muze mwiyubare, kand’ inzamba ni yavuga, muze mwumvirize.


Arambgira, ati Mwana w’umuntu, aha hantu n’ah’ intebe yanje y’ubgami, n’ ahantu ibirenge vyanje bizohora bishinze, ni ho nzobana n’Abisirayeli ndi hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira: kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kwanduza izina ryanje ryera ukundi, bo ubgabo, cank’ abami babo, ngo baryandurishe ubumaka bgabo, cank’ imivyimba y’abami babo iri mu ntatemwa zabo,


Maz’ uwo musi Uhoraho Imana yabo azobakiza nk’umukuku, ni wo bantu biwe; kuko bazoba nk’utubuyenge two ku gitsibo, dukayanganira hejuru y’igihugu ciwe.


Arikw Abalewi uz’ ubagire abo kuzezwa iryo hema ry’Ibishinga intahe, n’ibintu vyose vy’imbombovu vyo muri ryo, n’ivyaryo vyose: abe ari bo barirerura, n’ibintu vyose vyo muri ryo; abe ari bo bakora ibikorwa vyo muri ryo, bashinge amahema yabo impande zose z’iryo hema.


Habanje guhaguruka ab’ ibendera y’igugu rya Yuda, nk’ukw imice yabo iri: umukuru w’izo ngabo yari Nahashoni mwene Aminadabu.


Maze hahaguruka ab’ ibendera y’igugu rya Reyubeni, nk’ukw imice yabo iri: umukuru w’izo ngabo yari Elisuri mwene Shedeyuri.


Maze hahaguruka ab’ ibendera y’igugu rya Efurayimu, nk’ukw imice yabo iri: umukuru w’izo ngabo yari Elishama mwene Amihudi.


Maze hahaguruka ab’ ibendera y’igugu rya Dani, ari bo bāherukira izo ngabo zose, nk’ukw imice yabo iri: umukuru w’izo ngabo yari Ahiyezeri mwene Amishadayi.


Ku ruhande rw’i bumanuko haze habe igugu rya Reyubeni, n’ibendera yaryo, nk’ukw imice yabo iri; umukuru w’Abareyubeni ni Elisuri mwene Shedeyuri.


I burasirazuba haze hasagaze ab’ ibendera y’igugu rya Yuda, nk’ukw imice yabo iri; umukuru w’Abayuda ni Nahashoni mwene Aminadabu.


Balamu yunamura amaso, abona Abisirayeli bashagaje nk’ukw imiryango yabo iri; Mpwemu w’ Imana amuzako.


kukw Imana atar’ iy’ umuvurungano, ariko n’iy’ amahoro. Nk’uko bimeze mu mashengero yose y’abera,


Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza,


kand’ atifatanya na wa Mutwe, kuri wo umubiri wawo wose, ufashijwe n’ingingo n’imitsi, ugateranywa neza na vyo, ni ho uronka gukura kwawo gutangwa n’Imana.


kugira ngo mumenye inzira mukwiye kujana, kuko mutigeze guca mur’ iyi nzira. Mugabo, hagati yanyu na yo haze hasigare ikirere c’intambuko igihumbi; ntimuze muyēgēre.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ