Aya ni yo mazina ya bene Lewi, nk’ uko bagiye bavyarana: bene Lewi ni Gerushoni na Kohati na Merari; imyaka Lewi yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi.
ati Barira Abisirayeli baguhe inkoni, umuryango wa ba sekuruza wose utange imwe‐imwe, zitangwe n’abakuru bose b’imiryango ya ba sekuruza, izo nkoni zose na zose zibe cumi na zibiri: uheze wandike izina ry’umuntu wese ku nkoni yiwe.
Uhoraho abarira Aroni, ati Mwe n’abana bawe, bo n’inzu ya ba sogokuruza, ni mwebge muzobazwa ibigabitanijwe mu vy’Ahēra; mwe n’abana bawe muzobazwa n’ibigabitanijwe mu vy’ubuherezi bganyu.