Guharūra 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 muhēreye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, abo mu Bisirayeli bose bashobora kurwana mu ntambara, mwe na Aroni mubaharūre, nk’ukw imice yabo iri. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Maze Amaziya akoranya Abayuda, abakurikiranya ukw amazu ya ba sekuruza ari, ngo bagabge n’abagaba ibihumbi n’abagaba amajana; abakoranya ar’ Abayuda bose n’Ababenyamini; arabaharūra uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, asanga ar’ ingabo ibihumbi amajana atatu, abantu b’intōre bashobora gutabara mu ntambara, bazi uburyo bgo gutwara amacumu n’ inkinzo.