Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Guharūra 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 muhēreye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, abo mu Bisirayeli bose bashobora kurwana mu ntambara, mwe na Aroni mubaharūre, nk’ukw imice yabo iri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Guharūra 1:3
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yowabu ashikiriza umwami igitigiri c’abantu bāharūye: mu Bisirayeli hārimw’ abantu b’abahizi bazi kurwanisha inkota, ibihumbi amajana munani; mu Bayuda na ho hārimw’ ibihumbi amajana atanu.


Mu Bareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase, hārimw’ abantu b’intōre, bar’ abahinga bo gutwara inkinzo n’inkota no kurasana, b’abahinga bazi kurwana; bose na bose bār’ ibihumbi mirongwine na bine n’amajana ndwi na mirongwitandatu, bazi kurwana.


Maze Amaziya akoranya Abayuda, abakurikiranya ukw amazu ya ba sekuruza ari, ngo bagabge n’abagaba ibihumbi n’abagaba amajana; abakoranya ar’ Abayuda bose n’Ababenyamini; arabaharūra uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, asanga ar’ ingabo ibihumbi amajana atatu, abantu b’intōre bashobora gutabara mu ntambara, bazi uburyo bgo gutwara amacumu n’ inkinzo.


Uwo musi w’imitsima itambiwe muze mwame muwugira mukuru, kuko kur’ uwo musi nyene ari ho nzoba narabakūriye mu gihugu ca Egiputa mur’ amasinzi y’ingabo: ni co gituma uwo musi mukwiye kwama muwugira mukuru ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, kibe icagezwe c’intahava.


Umuntu wese arēngāna agashirwa mu gitigiri c’abaharūwe, amaze imyaka mirongwibiri cank’ isāga, az’ anshikanire iryo shikanwa.


yatanzwe n’abantu ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’ amajana atanu na mirongwitanu, umuntu wese yarēngāna agashirwa mu gitigiri c’abāharūwe, amaze imyaka mirongwibiri cank’ isāga, yatanga beka imwe, ari yo kigabane ca shekeli yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra.


ut’ Imivyimba yanyu izogenda ihindikirana mur’ ubu bugaragwa: ut’ Abāharūwe mwese uko mungana, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, uko mwakamwidodombeye,


ati Harūra igitigiri c’ishengero ryose ry’Abisirayeli, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri ukaja hejuru, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, abo mu Bisirayeli bose bashobora kurwana mu ntambara.


ati Harūra Abalewi, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, nk’ukw imiryango yabo iri: uharūre izinamuhungu wese, uhereye ku bamaze ukwezi kumwe ukaja hejuru.


ati N’ ukuri hakazogira n’umwe mu bagabo bādūze bava muri Egiputa, uhēreye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, azobona ico gihugu nari nararahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo ko nzokibaha, kuko batankurikiye muri vyose;


Izi ni zo ndāro z’Abisirayeli, uhereye aho baviriye mu gihugu ca Egiputa, ukw ingabo zabo zari ziri, barōngōwe na Mose na Aroni.


muhēre ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, mugarukire ku bamaze mirongwitanu, bose abashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.


Umuntu arongoye vuba ntakwiye kuja mu ntambara, canke ngw akoreshwe igikorwa ic’ ari co cose; ariko bamureke umwaka wose, anezereze umugore wiwe yarongoye.


Mur’ ico gihe ndababarira, nt’ Uhoraho Imana yanyu abahaye iki gihugu ngo mukiganze; nt’ Abahizi mwese ni mujabuke, mwitwaje ibirwanishwa, muje imbere y’Abisirayeli bagenzi banyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ