Amafeza yatanzwe n’ abaharūwe bo mw ikoraniro yanganya kuriba n’italanto ijana na shekeli igihumbi n’amajana ndwi na mirongwirindwi na zitanu, yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra;
bakoranya ikoraniro ryose ku musi wa mbere w’ukwezi kwa kabiri; abantu bariyandikisha nk’ukw amavuka yabo ari, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, baharūra amazina yabo umwe‐umwe, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru,
Baharūra amavuka ya ba Simeyoni, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, amazina yabo bose, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, abashobora kurwana mu ntambara bose: