Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Guharūra 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Muharūre igitigiri c’ishengero ryose ry’Abisirayeli, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, muharūre amazina y’abagabo bose umwe‐umwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Guharūra 1:2
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abisirayeli baragenda, bava i Ramesesi, bataha i Sukoti: abāgiye n’amaguru bār’ abagabo ibihumbi amajana atandatu, ukūyemw’ abana.


ati Ni waharūra igitigiri c’Abisirayeli, abaharūwe uko bangana, umuntu wese muri bo az’ ampe incungu y’ubugingo bgiwe mu gihe ubaharūra, kugira ngw ikīza ntikibatēre igihe ubaharūra.


Amafeza yatanzwe n’ abaharūwe bo mw ikoraniro yanganya kuriba n’italanto ijana na shekeli igihumbi n’amajana ndwi na mirongwirindwi na zitanu, yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra;


yatanzwe n’abantu ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’ amajana atanu na mirongwitanu, umuntu wese yarēngāna agashirwa mu gitigiri c’abāharūwe, amaze imyaka mirongwibiri cank’ isāga, yatanga beka imwe, ari yo kigabane ca shekeli yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra.


bakoranya ikoraniro ryose ku musi wa mbere w’ukwezi kwa kabiri; abantu bariyandikisha nk’ukw amavuka yabo ari, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, baharūra amazina yabo umwe‐umwe, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru,


nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose; nukw abaharūrira mu bugaragwa bg’i Sinayi.


Baharūra amavuka ya ba Simeyoni, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, amazina yabo bose, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, abashobora kurwana mu ntambara bose:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ