Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ivyo mwize, ivyo mwākiriye, ivyo mwumvise, ivyo mwambonanye, abe ari vyo mukora: ni ho Imana Nyen’ amahoro izobana namwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 4:9
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.


Ni muje inama, ariko zizopfa ubusa; ni muje ingingo, ariko ntizoshika, kukw Imana iri kumwe natwe.


ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba.


Kandi munyitira iki Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga?


Na we arabishura, ati Mama na bene mama n’aba bumva ijambo ry’Imana bakarikora.


Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.


Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.


Nyina abgira abasuku, at’ Ic’ ababgira cose mugikore.


ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora.


Imana Nyen’ amahoro ibane namwe mwese. Amen.


Imana Nyen’ amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.


Nukw iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.


kukw Imana atar’ iy’ umuvurungano, ariko n’iy’ amahoro. Nk’uko bimeze mu mashengero yose y’abera,


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


Mose ahamagara Abisirayeli bose, arababarira, ati Yemwe Bisirayeli, ni mwumve amabgirizwa n’ivyagezwe mvugira mu matwi yanyu uyu musi, kugira ngo muvyige, muvyitondere, mubishitse.


Bene Data, munyigāne, mwitegereze abagenda batwīgāna, nk’uko mudufisekw icitegererezo.


Maz’ amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu


Namwe mwaratwīgānye, mwīgāna n’Umwami wacu, mumaze kwakīrira ijambo ry’Imana mu marushwa menshi, munezerejwe na Mpwemu Yera,


Namwe bene Data, mwīgānye amashengero y’Imana y’i Yudaya, ari muri Kristo Yesu, kukw ivyo mwābabajwe n’ubgoko bganyu ari bimwe n’ivy’ abo bābabajwe n’Abayuda,


Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.


Kandi twizigiye Umwami ku vyanyu, yukw ivyo tugeze mubikora kandi muzokwama mubikora.


Umwami abane n’umutima wawe. Ubuntu bg’Imana bubane namwe.


Kandi mube abakora ivy’ iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha.


Ni co gituma, bene Data, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ryanyu, bo n’ugutoranywa. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya.


kand’ ico dusaba cose tugihabga na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ