Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 kandi mboneke ko ndi muri we, ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva mu vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera Kristo, ni kwo kugororoka kuva ku Mana, guhabga uwizeye,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa n’ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Ni ukugororoka kuva ku Mana, kandi ukwo na kwo kuva ku kwizera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 3:9
56 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibifise ubugingo vyose biri kw isi biraherengetezwa, uhereye ku bantu no ku bitungano no ku vyikwega hasi no ku biguruka mu kirere: biherengetezwa kw isi; Nowa aba ari we asigara wenyene, bo n’ivyari kumwe na we muri bga bgato.


Kandi ni baramuka bagucumuyeko, kukw ata muntu adacumura, ukabarakira, ukabagabura mu maboko y’abansi babo, bakabafata mpiri bakabajana mu gihugu cabo, naho hoba hafi canke kure;


Ariko Hezekiya, ubuntu yagiriwe ntiyabumwishura, kuko yaciye yishira hejuru mu mutima; kubg’ ivyo uburake bg’Uhoraho buza kuri we no ku Bayuda no kuri Yerusalemu.


Ariko ku vy’intumwa abaganwa b’i Babuloni bamutumyeko, ngo bamubaze igitangaza cabayeho mu gihugu ciwe, Imana iramureka ngw imugerageze, kugira ngw imenye ivyari mu mutima wiwe vyose.


Barazimiye iyo bava bakagera, bose banduye hamwe, Nta wukora ivyiza, eka nta n’umwe.


Kandi ntushire umusavyi wawe mu rukinja, Kukw ata wo mu bariho azotsindira mu nyonga zawe.


Ni nde ashobora kwimenyakw amafuti? Ntumparūrekw ivyaha vyanyinyegeje.


N’ukuri nta mugororotsi ariho kw isi akora ivyiza ntacumure.


nīgije hafi ukugororoka kwanje, ntikuzoba kure; n’agakiza kanje ntikazotebagana; kandi nzoshira ako gakiza i Siyoni kubga Isirayeli, ni we cubahiro canje.


Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhāza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo.


Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Mu gihe ciwe Abayuda bazokizwa, Abisirayeli bibere amahoro: kand’ iri ni ryo zina azokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu.


Mur’ iyo misi Abayuda bazokira, i Yerusalemu hazoba amahoro: kand’ iri ni ryo zina hazokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu.


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.


Kuko muri bgo ari ho ukugororoka kuva ku Mana guhishurwa, guheshwa n’ukwizera kukagwiza ukwizera, nk’uko vyanditswe, ng’ Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.


Kuk’ umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’ akanwa akaba ari ko yāturisha, akaronka agakiza.


Muntahirize Andironiko na Yuniya, dusangiye umuryango, abābohanywe nanje, ni ba rurangiranwa mu ntumwa, ni bo bantanze kuba muri Kristo.


kugira ngo, nk’ukw icaha cashizwe ku ngoma n’urupfu, abe ari ko n’ubuntu bg’Imana bushirwa ku ngoma n’ukugororoka, buheshe ubugingo budashira, kubga Yesu Kristo Umwami wacu.


Nuko rero noneh’ abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Ariko tuzi yuk’ umuntu adatsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe, arikw atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo. Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atar’ ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe; kukw ata muntu atsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūdashitsa amajambo y’ibi vyagezwe ngw ayitondere. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


ku vy’ ishaka nahama ishengero; ku vy’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe nta wobonye ic’ angaya.


yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba,


iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera,


kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu.


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


Umuntu wese akora icaha akora ivy’ ubugarariji; kand’ icaha ni co mugararizo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ