Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 3:8
53 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ngo Nuko rero, ngo Ni co kizotuma atēza ivyago inzu ya Yerobowamu, agaherengeteza izinamuhungu wese kuri Yerobowamu aho bava bakagera mu Bisirayeli, ngw Agafyēfyētura inzu ya Yerobowamu, nk’uk’ umuntu afyēfyētura amavyi akayamaririkanya.


ati Kand’ umuvyimba wiwe uzohinduka nk’intabire yo ku gahinga mw itongo ry’i Yezireli, kugira ngo ntihaze hagire ūvuga, ngo Harya hari Yezebeli.


Azoshira buheriheri nk’ umwanda umuvuyemwo: Abāhora bamubona bazovuga, bati Mbeg’ ari hehe?


Nah’ umuntu agenda arira, asohoye imbuto, Azogarukana akanyamuneza, azanye imbambo ziwe z’ ivyimburwa.


Ni nde mfise mw ijuru, atari wewe? Kandi mw isi nta we ngomba, atari wewe.


Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhāza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo.


Rāba nzovuma imbuto zanyu, ari mwebge mubinteye, kandi nzobasīga mu maso amayezi y’ibimazi vyanyu; muzoyoranwa na yo.


uti N’ukuri mukazogera mu gihugu yarahiye amanitse ukuboko kw azokibaha ngo mukibemwo, shiti Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni.


Kand’ iki kimbereyekw iki, nyina w’Umwami wanje kuza aho ndi?


Arik’ urutoke rw’Imana ni rwaba ari rwo runshoboza gusenda abadayimoni, noneh’ ubgami bg’Imana burabashikiriye.


Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge.


Iyo muba mwarammenye, na Data muba mumuzi. Uhereye ubu muramuzi, kandi mwamubonye.


Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.


Baramubaza, bati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Na we ati N’uko bakūyeh’ Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize.


Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Niyumvira yukw imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubgiza tuzohishurirwa.


cank’ uburebure bg’igihagararo, cank’ uburebure bg’amajepfo, cank’ ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Kuko nagabiye kutagira ico mmenya muri mwebge, atari Yesu Kristo, we yabambge.


Canke se yabivuze kubgacu? Ego me, vyanditswe kubgacu; kuk’ umurimyi akwiye kurima afise ivyizigiro, kand’ umusekuzi akwiye gusekura yizigiye kw azohabgako.


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


guhishurira umutima wanje Umwana wayo, ngo mvuge ubutumwa bgiwe bgiza mu banyamahanga, ako kanya sinagishije inama abafise inyama n’amaraso,


kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo:


Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.


ngo ndamumenye, mmenye n’ubushobozi bg’ukuzuka kwiwe, n’ugufatanya na we imibabaro yiwe, nshushanywe n’urupfu rwiwe,


S’ukugira ngo mpejeje kubihabga, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubganje mfatwa na Kristo Yesu.


Arikw ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe kubga Kristo


Kuko jeho n’ubu ndiko ndasukwa nk’ibisukwa ku gicaniro, igihe co gutāmbūra kwanje kirashitse;


Kuko twacitse abasangiye Kristo, namba tubangirije rwose ivyizigiro vyacu twatanguranye gushitsa kw iherezo:


Nuko mwebge abizera ni mwebge mwagerewe ico giciro, ariko ku banka kwizera, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka,


Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge, mubiheshwa no kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu.


Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza.


Kuko namba mugira ivyo, bikagwira, bituma mutaba abanyabute cank’ ingumba ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo.


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


ico twabonye tukacumva ni co tubabgira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo.


Bavuye muri twebge, ariko ntibar’ abacu: iyo baba bar’ abacu, baba baragumanye natwe: arikw icatumye batuvamwo kwar’ ukugira ngo bahinyuke bose kw atar’ abacu.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ