Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nakebge ku musi ugira umunani, nd’ uwo mu bgoko bga Isirayeli, nd’ uwo mu muryango wa Benyamini, mu Baheburayo nd’ Umuheburayo, ku vyo gushimikira ivyagezwe, nd’ Umufarisayo;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nakebwe ku musi ugira umunani, ndi Umwisirayeli ku bw’amaraso, wo mu muryango wa Benyamini, ndi Umuheburayo w’ukuri, ku bijanye n’ivyagezwe, ndi Umufarisayo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 3:5
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Haza umwe mu bahunze, abibarira Aburamu Umuheburayo: yaba i ruhande y’ibiti vy’imyeloni vy’Umwamori yitwa Mamure, mwene wabo wa Eshikoli na Aneri; kand’ abo bari bifatanije na Aburamu.


Ūmaze imisi munani avutse az’ akebge, izinamuhungu wese, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, ar’ ūvukiye mu rugo rwawe, ar’ uwo waguze n’umunyamahanga amahera, atākomōtse mu ruvyaro rwawe.


Kuko nasahuwe, nkūwe mu gihugu c’Abaheburayo: n’ino na ho nta caha nakoze cotumye banshira mur’ iri bohero.


Twari kumwe n’umuhungu w’Umuheburayo aho hantu, umugurano w’ūganza abashibamyi; tumurotorera inzozi zacu, arazidusobanurira; nk’uko twazirose, azidusobanurira, umwe ukwiwe uwundi ukwiwe.


Arabishura, ati Nd’ Umuheburayo, nubaha Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, yaremye ikiyaga n’i musozi.


Ku musi ugira umunani baza gukeba uwo mwana, bagomba kumwitiranya na se Zakariya.


Kand’ imisi munani ishitse ngw akebge, bamwita YESU, rya zina ryavuzwe n’umumarayika, atarasamwa inda.


Arikw igikwiye n’ugutara umutobe wa vino mu mikuza misha.


ati Nd’ Umuyuda, navukiye i Taruso h’i Kilikiya, ariko nakuriye mur’ iki gisagara, nigishirizwa imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli nk’uk’ uruhande rugoye rw’ivyagezwe vya ba sogokuruza ruri, ngira ishaka ry’Imana, nk’uko namwe mwese murifise uyu musi.


Maze Paulo amenye yuk’ umuce umwe ar’uw’ Abasadukayo, uwundi ar’uw’ Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu banyekombe, ati Bagabo bene Data, nd’ Umufarisayo, nd’ umwana w’Abafarisayo: ivy’ ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’ izi manza.


Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose.


Nuko ndabaza: Mbeg’ Imana yaciye abantu bayo? Eka na mba! Kuko nanje nd’ Umwisirayeli, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini.


Mbeg’ abo n’Abaheburayo? Nanje ndi we. N’Abisirayeli? Nanje ndi we. N’uruvyaro rwa Aburahamu? Nanje ndi rwo.


Maz’ Abafilisitiya bumvise urwo rwamo, barabazanya, bat’ Urwo rwamo rwinshi ruri mu nsago z’Abaheburayo n’urw’ iki? Hanyuma bamenya kw ar’ isandugu y’Uhoraho ishitse mur’ izo nsago.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ