Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 mwerekana ijambo ry’ubugingo; kugira ngo mbone ico nzokwirata ku musi wa Kristo, yuko ntirukiye ubusa kandi ntātamijwe n’ubusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Mugumye cane ijambo ritanga ubugingo, ni ho nzoronka ico nirata ku musi w’ukugaruka kwa Kristo, kuko ntazoba nirukiye ubusa, kandi igikorwa canje ntikizoba cabaye impfagusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 2:16
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Namamaje ubutumwa bgiza bg’ukugororoka mw ishengero ryinshi: Sinzobuza iminwa yanje, Uhoraho, urabizi.


Mana, ni wewe wanyigishije, uhereye mu buto bganje, Kugeza n’ubu ndacavuga ibikorwa vyawe bitangaje.


Ariko ndavuga, nti Naruhijwe n’ubusa, inkomezi zanje zapfuye ubusa, nazikoresheje ibitagira ikimazi: yamara rer’ urubanza rwanje ruseguwe n’Uhoraho, kand’ Imana yanje ni yo izompēra.


Ico mbabaririra mu mwiza muze mukivugire mu muco, kand’ ico mwongorewe mu gutwi muze mukivugire ku mazu hejuru.


Kandi ndababgire; Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, Umwana w’umuntu azomwaturira imbere y’abamarayika b’Imana.


Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo.


Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira,


Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko.


Ni we azobakomeza gushitsa kw iherezo, kugira ngo ntimuze mugawe kuri wa musi w’Umwami wacu Yesu Kristo.


Nuko nanje ndiruka, ariko si nk’ūtazi iy’ aja: nkubitana ibipfunsi, ariko si nk’ūhusha;


nk’uko mwatwemeye agace, yuko tur’ ivyirato vyanyu, nk’uko namwe muzoba ivyacu ku musi w’Umwami wacu Yesu.


Kandi nadūzeyo kubgo guhishurirwa, mbashira imbere ubutumwa bgiza mvuga mu banyamahanga, ariko mbushira imbere y’abashimwa twiherereye, ngo sinirukire ubusa, canke simbe narirukiye ubusa.


Munteye akōba, yuko kumbure ivyo nabakoreye natamijwe n’ubusa.


murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya cank’ ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo,


Kand’ ico nizigiye ntakekeranya, n’uk’ uwatanguye igikorwa ciza muri mwebge azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo.


Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira?


Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo mmenye ukwizera kwanyu, nikenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n’ubusa.


Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.


Kuko mwavyawe ubga kabiri, mutavyawe n’imbuto ibora, ariko mwavyawe n’imbuto itabora, mubiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho.


Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo —


Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ