Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kand’ ico nizigiye ntakekeranya, n’uk’ uwatanguye igikorwa ciza muri mwebge azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 1:6
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyanje, Uhoraho ni we azobishitsa: Uhoraho we, imbabazi zawe zamah’ ibihe bidashira; Ntuhebe ibikorwa vy’amaboko yawe.


Yesu na we arabishura, at’ Igikorwa c’Imana ngiki: n’uko mwizera uwo yatumye.


Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.


Umugore umwe yitwa Ludiya, umudandaza w’impuzu z’inyambarabami, wo mu gisagara citwa Tuwatira, yubaha Imana, aratwumviriza. Umwami Yesu amwugurura umutima, kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga.


Ni we azobakomeza gushitsa kw iherezo, kugira ngo ntimuze mugawe kuri wa musi w’Umwami wacu Yesu Kristo.


Kandi nk’uko nizigiye ivyo, nagira ngo nzobanza kuza i wanyu, ngo muhabge ubuntu ubugira kabiri,


Kandi nandikiye ivyo, kugira ngw aho nzozira noye guterwa umubabaro n’abari bakwiye kunnezereza: kuko mbizigira mwese yuk’ umunezero wanje ari wo wanyu mwese.


Nnezerewe yuko mfise umutima uremye kubg’ ivyanyu vyose.


twebge (sinovuga mwebge) ntituze tumāramāzwe n’ivyo twari twizigiye, namb’ Abanyamakedoniya bamwe bazozanana nanje bagasanga mutiteguye.


Ndabizigiye kubg’ Umwami wacu yuko mutazogira uwundi mutima; arik’ ūbahagarika imitima, uw’ ari we wese, urubanza ruzomusubirako.


kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’ Imana, bubake umubiri wa Kristo:


murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya cank’ ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo,


Kukw ico mwagabiwe kubga Kristo, atar’ ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubgiwe;


Nuko rer’ abo nkunda, nk’uko mwamye muganduka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo ndiho gusa, ariko n’ubu nyene naho ntar’ iyo ni murushirize.


Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.


mwerekana ijambo ry’ubugingo; kugira ngo mbone ico nzokwirata ku musi wa Kristo, yuko ntirukiye ubusa kandi ntātamijwe n’ubusa.


kuko mwahambanywe na we mw ibatizwa, ni ho kandi mwazuranywe na we, kubgo kwizera ubushobozi bg’Imana yamuzuye mu bapfuye.


twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.


Ni co gituma tubasengera imisi yose, ngw Imana yacu ibemere ko mumeze nk’uko bibereye ihamagarwa ryanyu, kand’ ishikishe ubushobozi ico munezererwa ciza cose n’igikorwa canyu cose kiva ku kwizera:


Kandi twizigiye Umwami ku vyanyu, yukw ivyo tugeze mubikora kandi muzokwama mubikora.


Nkwandikiye nizigiye k’uzonyumvira, nzi yuk’ uzokora n’ibiruta ivyo mvuze.


Nuko ntimute ubushizi bg’ubgoba bganyu, buri n’impēra ikomeye.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ