4 kand’ uko nsenze kwose mbasengera mwese nnezerewe,
4 Kandi igihe cose nsenze, nama ndabasengera nuzuye umunezero
Maz’ imisi yose ku murango no mw ijoro yama mur’ ayo masenga no ku misozi, ataka, yikebesha amabuye.
Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’ umunyavyaha umwe yihannye.
Ndababgira yuko mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye, bakamurutisha abagororotsi mirongwicenda n’icenda batarinda kwihana.
Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bgiza bg’Umwana wayo, ni yo ntanzekw icabona yuko mbahoza mu kanwa ubudasība,
mwuzuze umunezero wanje muhwanije imitima, musangiye urukundo rumwe, muhūje umutima n’inama.
Kuko benshi bagenda ukundi, abo nababgiye kenshi, na none ndabababgira ndira, yukw ar’ abansi b’umusaraba wa Kristo,
Nuko rero, bene Data, abo nkunda mporanira igishika, mur’ umunezero wanje n’igitsibo nambaye, muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.
Kuko naho ntari kumwe namwe ku mubiri, ndi kumwe namwe ku mutima, nnezerewe kandi mbona ugushira hamwe kwanyu kwiza, n’ugushikama mu kwizera Kristo kwanyu.
Mwese tubashimira Imana imisi yose, tubahoza mu kanwa uko dusenze,
Kuk’ urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kand’ imitima y’abera warayiruhuye, mwene Data.
Ndanezerewe cane, kuko nasanze bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko twagezwe na Data wa twese.