Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 1:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ndazazaniwe mur’ ivyo bibiri, kuko nifuza gutaha ngo mbane na Kristo, kukw ari co kirushirije cane:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Numva vyose binkwega: gupfa nkigira kubana na Kristo, ni vyo birushirije kuba vyiza kuri jewe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 1:23
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ego me turinda mu mutima, kand’ ico turushiriza gukunda ngiki: n’ukugerēra kure y’umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu.


Jeho nzorāba mu nyonga hawe ngororoka, Nikanguye nzonyurwa n’ ishusho yawe.


Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.


Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga, ati Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje.


Aramwishura, ati Ndakubgire ukuri: Uyu musi urabana nanje muri Paradiso.


Kuko jeho n’ubu ndiko ndasukwa nk’ibisukwa ku gicaniro, igihe co gutāmbūra kwanje kirashitse;


Data, abo wampaye ndagomba kw aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barābe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho.


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Arikw Imana yo izocungura ubugingo bganje, ibukūre mu kuboko kw’i kuzimu, Kukw ari yo izonyakīra. Sela.


maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirēre. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami.


Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba.


Ndi n’umubatizo, uwo nkwiye kubatizwa; emwe uko mbabazwa kugeza ah’ uzoherera!


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Ariko wa muntu avuwemwo n’abadayimoni aramwinginga ngw agume kuri we. Arikw aramusezera,


Bene Data, ubganyu murazi yuk’ ugushika muri mwebge kwacu kutābaye ukw’ ubusa:


ntimwāgiwe muri twebge, yamara mwāgiwe mu mitima yanyu.


Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni dupfume dukorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi; ariko noye gukorokera mu maboko y’abantu.


yamara kuguma mu mubiri ni co corushiriza kubagirira ikimazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ