Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Filipi 1:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Har’ ico biriko? Kizima mu buryo bgose, ari mu buryarya ari mu kuri, Kristo avugwa, kand’ ivyo ndabinezererewe, kandi nzokwama mbinezererwa;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ariko ntaco bitwaye. Babikora mu kuri canke babikora mu buryarya, igihambaye ni uko Kristo ariko aravugwa. Kandi ivyo ndabinezererewe, mbere nzokomeza kubinezerererwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Filipi 1:18
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


Barya ingo z’abapfakazi, kandi basengesha menshi bahumba: abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.


Bayoberwa iryo jambo, kandi bararihishwa ngo ntibarimenye, batinya kurimubaza iry’ ari ryo.


Yesu aramubgira, ati Ntimumubuze, kuk’ ūtar’ umwansi wanyu ari mu ruhande rwanyu.


Nuko tuvuge iki? Mbega turuta abandi? Oya, ntitubaruta na gatoya, kuko tumaze kwagiriza Abayuda n’Abagiriki bose ko baganzwa n’icaha:


Nuko tugire dute? Mbega dukore ivyaha, kuko tutaganzwa n’ivyagezwe, ariko tuganzwa n’ubuntu? Biragahera.


Nukw ico mvuga n’igiki? Mbega mvuga yukw icaterekerejwe ikigirwamana ar’ ikintu, canke yukw ikigirwamana ar’ ikintu?


Nuko ngire nte? Nzosengesha impwemu yanje, ariko kandi nzosengesha n’ubgenge: nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubgenge.


Nukw ari jewe ar’ abo, ivyo ni vyo tubabarira, namwe ni vyo mwizeye.


kuko nzi yukw ivyo bizomviramw’ agakiza, munsengeye kandi ndonkejwe Mpwemu wa Yesu Kristo;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ