Esiteri 9:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Nukw abaganwa bose bo mu bihugu, n’ivyēgēra vy’umwami, n’ abaganza ibihugu, n’abatwarira umwami, batabara Abayuda, kuko Moridekayi yar’ abaciye ivutu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Bukeye ku musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwa mbere, bahamagara abakarani b’ umwami, bandika vyose nk’uko Hamani yabishinze, babirungikira ivyēgēra vy’umwami n’abaganza ibihugu vyiwe vyose, n’abaganwa bo mu mahanga yose, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bavyandika mw izina ry’ umwami Ahasuwerusi, babidomakw ikimenyetso co ku mpeta y’ umwami.
Nukw ico gihe abakarani b’ umwami barahamagarwa, hāri ku musi wa mirongwibiri na gatatu w’ukwezi kwa gatatu kwitwa Sivani, bandika ivyo Moridekayi ashinze ku Bayuda vyose, bavyandikira ivyēgēra vy’umwami, n’abaganza ibihugu, n’abaganwa b’ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bandikira n’Abayuda mu rurimi rwabo ukw inyandiko zabo ziri.