Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Esiteri 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maze Haribona, umwe mu nkone zama hafi y’umwami, aravuga, at’ Ushime mbere kwa Hamani hashinze igiti c’intambge mirongwitanu z’ukuboko uciriye mu nkokora, ico Hamani yagereye Moridekayi, kand’ ari we yavuze ijambo ryākijije umwami. Umwami aravuga, ati Mube ari co mumumanikako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Esiteri 7:9
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yehu yunamura amaso arangamiza mw idirisha, aravuga, ati Ni nde aherereye ku ruhande rwanje? Yoba nde? Nukw abantu b’inkone nka babiri canke batatu baramurunguruka.


Nuko ku musi ugira indwi umutima w’umwami umaze gukankamurwa na vino, abarira Mehumani na Bizita na Haribona na Bigita na Abaguta na Zetari na Karukasi, abo ukw ar’ indwi bār’ inkone zihēreza uwo mwami Ahasuwerusi,


Nuk’ umugore wiwe Zereshi n’abagenzi biwe bose bamugīra inama, bati Ni bashinge igiti c’intambge mirongwitanu z’ukuboko uciriye mu nkokora, maz’ ejo uz’ usabe umwami atange Moridekayi bakimumanikeko; uheze ubone kwinjirana n’umwami ku giturire unezerewe. Nuko Hamani ashima iyo nama; aca ashingisha ico giti.


Bakivugana na we, haza inkone z’umwami, zihuta kujana Hamani ku giturire Esiteri yari yiteguye.


Basanga canditswemwo yuko Moridekayi ari we yareze Bigitana na Tereshi, babiri bo mu nkone z’umwami, bo mu bārinda umuryango, yuko bāshaka kwica umwami Ahasuwerusi.


Nuk’ umwami Ahasuwerusi yishura umwamikazi Esiteri na Moridekayi Umuyuda, at’ Ehe nagabiye Esiteri urugo rwa Hamani, na we Hamani bamumanitse ku giti, ahōwe kwimbira icobo Abayuda.


Nuk’ umwami agera ko biba birtyo; iteka ryamamara i Shushani; bamanika na ya mivyimba ya bene Hamani ukw ar’ icumi.


ariko bishitse ku mwami, umwami arungika ivyete bivuga yukw iyo migabo mibi Hamani yari yagabiye ku Bayuda imugaruka ku mutwe, kandi yuk’ ubgiwe n’abahungu biwe bamanikwa ku biti.


Abanyakibi abe ari bo bagwa mu rwabo ruriba, Ariko jeho mbisimbe.


Kugesezwa kubagweko giturumbuka, Kand’ umutego bateze abe ari bo ufata ubgabo: Bawugwemwo, bagesezwe.


Erega bārahonnye mu kanya gato! Ubgoba bg’uburyo bginshi burabamaze.


Maz’ umwami avuga ko bazana ba bagabo bāreze Daniyeli; babaterera muri rwa rwobo rw’intambge, bo n’abana babo n’abagore babo; zibasamira mu kirēre zibajanjagurana n’amagufa yabo, batarushe bashika no hasi mu rwobo.


abakuru bose b’igihugu, n’ivyēgēra vyawe, n’ abaganwa n’abacamanza n’abagabisha, bagiye inama ngo hashingwe icagezwe cawe, no gushirah’ icihanikirizo gihambaye, ngo kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba, cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, az’ atererwe mu rwobo rw’intambge.


Maze Dawidi arirukanga, amuhagarara hejuru, asūmira inkota yiwe, ayimusokōra mu rwubati, aramuhohosha, amuca izosi. Maz’ Abafilisitiya babonye umuhizi wabo apfuye, baca baratemesha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ