Esiteri 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)9 Maze Haribona, umwe mu nkone zama hafi y’umwami, aravuga, at’ Ushime mbere kwa Hamani hashinze igiti c’intambge mirongwitanu z’ukuboko uciriye mu nkokora, ico Hamani yagereye Moridekayi, kand’ ari we yavuze ijambo ryākijije umwami. Umwami aravuga, ati Mube ari co mumumanikako. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuk’ umugore wiwe Zereshi n’abagenzi biwe bose bamugīra inama, bati Ni bashinge igiti c’intambge mirongwitanu z’ukuboko uciriye mu nkokora, maz’ ejo uz’ usabe umwami atange Moridekayi bakimumanikeko; uheze ubone kwinjirana n’umwami ku giturire unezerewe. Nuko Hamani ashima iyo nama; aca ashingisha ico giti.
abakuru bose b’igihugu, n’ivyēgēra vyawe, n’ abaganwa n’abacamanza n’abagabisha, bagiye inama ngo hashingwe icagezwe cawe, no gushirah’ icihanikirizo gihambaye, ngo kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba, cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, az’ atererwe mu rwobo rw’intambge.